Mu kigo kijejwe gutegekaniriza kazoza abakukuruke (ONPR) bariteguye kuronsa abakukuruke agahembo kangana n’amafaranga bahora baronka bakiri ku mirimo.
Mu mwaka 2020, umukuru w’igihugu yasezeraniye abakukuruke kuzohora baronka amafaranga angana n’umushahara bahora baronka bakiri ku mirimo. Mu kigo ONPR naho bamenyesha ko ataco bovuga ku ngingo umukuru w’igihugu yashikirije. Bamenyesha ko biteguye kuyishira mu ngiro mu gihe umukuru w’igihugu yobibategeka.
Mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe mu gice ca kabiri c’umwaka w’ibikorwa wa 2024 na 2025, Hicuburundi Jean Anastase aramutswa ico kigo avuga ko casohoye amafaranga arenga gato imiriyaridi indwi mu gutunganiriza abakukuruke canke abasigwa babo. Ku bagize impanuka y’akazi , ico kigo carasohoye amafaranga arenga gato imiriyoni 350. Ico kigo kandi carashize amahera mu ntunganyo yo guhinyanyura ubuhinga bwa none mu bijanye no gushira intonde z’abanywanyi muri ubwo buhinga hamwe no gushira igisata co kugenzura abanywanyi b’ico kigo.
Umukuru w’igihugu agishika ku butegetsi mu mwaka wa 2020, yari yemereye abakukuruke ko bagiye kuzoronswa agahembo kangana n’umushahara bahora baronka bakiri ku murimo. Bamwe mu bakukuruke bashikiriza ko amaso yeheze mu nzira bafatiye ku gihe bamaze iryo tegeko ritaraja mu ngiro.
Uwo mwitwarariko warashikirijwe kandi mu kiganiro umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yagiranye n’abanyagihugu hamwe n’abamenyeshamakuru. Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko iyo ngingo yatebejwe n’ikibazo c’ubuhinga bwa none ko ariko bigiye gushirwa mu ngiro.
Abajijwe aho iyo ngingo igeze umuyobozi w’ikigo ONPR Hicuburundi Jean Anastase agira ati: ” jewe nk’umuyobozi wa ONPR ntaco novuga kuvyo umukuru w’igihugu yashikirije mugabo kuri ico kibazo n’uko twebwe muri ONPR twitunganije neza umusi yatubariye y’uko dutunganiriza abakukuruke nk’uko yavyemeye twebwe turiteguye gushira mu ngiro itegeko azoba yashizeho”
Bimwe muvyo umukuru w’igihugu yari yasezeraniye abakukuruke harimwo ko bagiye kuronswa agahembo kangana n’umushahara bahora baronka bakiri ku mirimo hamwe no kuzohora bavuzwa ku buntu.