Bamwe mu badandaza bakorera mw’isoko ya Musaga muri komine Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura bavugako batewe umutima uhagaze n’iyarara ryabaye umurengera muri iyo soko,kuko rija ryarenze aho risanzwe ryegeranizwa rikaba risigaye rishika mu bibanza basanzwe .
Iryo yarara riteye impungenge abasanzwe bakorera n’abasumira mw’isoko ya Musaga risanzwe ryegeranirizwa aho ryagenewe ariko ubu aho naho hakaba harengewe.
Abadandanza cokimwe n’abaguzi bakavugako indwi ishobora guhera iryo yarara ridakuweho n’amashirahamwe asanzwe abijejwe, bakavugako bafise impungenge ko bashobora guterwa n’indwara zifatiye kw’isuku rike mu gihe ibintu vyoguma biri uko.
Uwurongoye isoko ya Musaga Noëlla Nkeshimana asigura ko imvo nyamukuru ituma hibonekeza iryo yarara ahanini biva k’ubukene bw’igitoro na cane cane co mu bwoko bwa mazutu .Uyo arongoye iyo soko yamara avuga ko mu gihe iryo yarara rigwiriye haraho ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura buhora buheza bugafasha mu gukura iryo yarara muri ico kibanza.