A la UneDivertissement

Mkombozi ati : “ndafise abamfashije kugera aho ngeze ubu”

Mu kiganiro ciyaguye umuririmvyi Nzeyimana Thomas azwi k’izina rya Mkombozi yahaye Radio Indundi Culture arerekana bamwe mu bamufashije kwinjira mu rugendo rw’umuziki.Mkombozi ashimira abo bose bamufasha kugumana izina afise.

Nzeyimana Thomas atangura ashimira cane abamufashije kumenyekana mu rugendo rw’umuziki, urugendo avuga ko yarutanguye ashitse mu gisagara ca Bujumbura, akavuga ko atazibagira umushingantahe yitwa Dave yamuhaye amahera yo gusohora indirimbo ya mbere aho uyu muririmvyi yahisemwo gusohora indirim bo y’umurwi w’umupira w’ amaguru kugutinya ko niyasohora indirimbo yindi ibinyamakuru bizomutumako labyrinthe uyu nawe akabura impuzu aserukana kuko izo yarafise yabona zidashemeye agira ati :”Nari mfise ibirato biri décapotable”.

Mkombozi inyuma yaho avuga ko yasohoye indirimbo yitwa “Zawadi ya mwaka” indirimbo avuga ko habayemwo ukuboko kw’ Imana, kuko mukuyikora yabifashijwemwo n’abantu, amenyesha ko ata mafaranga yamutwaye kuko vyose yabironse nk’ imfashanyo, aha avuga azwi kw’izina rya oncle -crazy we yemeye kumurihira indirimbo munzu itunganya umuziki yegukira Dj Dady mbere amwemerera no kuzomuzanira umuririmvyi azwi kw’izina rya Big-Fizzo uyu nawe akaba yaremeye gukorana indirimbo na Mkombozi ataco arinze gusaba, ivyo Mkombozi ashima canne ntivyagurikiye aho DJ Dady étonne kwumva ubyohe bw’iyo ndirimbo yemeye ko azoyikora ku buntu, ni uko uwari azwi nka Nzeyimana Thomas aba ahindutse Mkombozi

Mkombozi arashimira cane umuririmvyi azwi kw’izina rya T-Max yamuhaye uburaro mu gisagara ca Bujumbura mu gihe yari kw’ishure yongera akora umuziki, aho ngo ntiyokwibagirwa umumenyesha makuru yamuguriye ngendanwa yiwe yambere yatanguye gutunga, kuko vyatumye abamur ondera bamuronka vyoroshe .

Aha aravuga kandi Pasteur  Bagenzinikindi we yabarihiye amafaranga y’inzu ariko akabafasha Kubika ku rubuga rwa you_tube indirimbo aho bavuga ko indirimbo zimwe zimwe bari kuba barazitakaje Nzeyimana Thomas arashimira bimwe bivuye ku mutima abarundi kuko aribo bamufasha kugumana izina a fise gushika ubu.

What's your reaction?

Related Posts