Bamwe mu borozi b’inka bo muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura bashikiriza ko imyuzurira ikomoka k’uruzi Rusizi ituma ubworozi bw’inka buhungabana . Abajejwe intwaro baremeza ico kibazo bavuga ko bagishikirije ubushikirangaji mu vyo bujejwe harimwo uburimyi n’ubworozi
Abo borozi basanzwe batungiye inka zabo muri komine Mutimbuzi hafi y’uruzi Rusizi bashikiriza ko bimwe mu biribwa vy’ inka bibagora kuronka bitumwe naho impongore zisanzwe ziri , kubera ko aho bororeye izo nka hatewe n’amazi avuye kuri Rusizi. Abo borozi basaba ababijejwe kuronswa ikindi kibanza bokwororeramwo izo nka.
Buramatari w’intara ya Bujumbura aremeza ko ico gisabo co kuronsa ikindi kibanza kitatewe n’amazi kuri abo borozi bakizi , Désiré Nsengiyumva ashikiriza ko ico kibazo bagishikirije ubushikirangaji mu vyo bujejwe harimwo uburimyi n’ubworozi , ariko ngo bwasanze abo borozi bari guhabwa ikibanza co muri komine Kabezi ahitwa Gakungwe , aho naho bikaba vyasabwa ko aborozi borora inka za kijambere kugira bashoborobe kuronswa ibibanza bororeramwo. Ni mu gihe kuva mu mwaka wa 2006 hafashwe ingingo ibuza ubworozi bw’inka mu gisagara ca Bujumbura abantu benshi bakaba baciye bahitamwo kuzijana muri komine Mutimbuzi mu gice ca Gatumba na Rukaramu.