AgricultureDivertissementKirundi

N’aho imirima yabo yari yatewe n’udukoko, barashima umwimbu baronse

Udukoko twari twateye imwe mu mirima y’ibigori ku mitumba ya Tenga Gahwama na Tenga local muri Kigarama umwaka wa 2024 twari twatumye bamwe mu barimyi bagira impungenge ku mwimbu. Yamara bamaze gukurikiza impanuro bahawe n’abafundi b’indimo bagakoresha imiti yo gupompa utwo dukoko bakongera bagatera imbuto zirobanuye, barashima umwimbu baronse. Yamara bokwitega iduga ry’ibiciro vy’imiti y’ibiterwa.

Muri Kigarama 2024, udukoko twona imirima y’ibigori twarateye imwe mu mirima iri kuri iyo mitumba yompi. Ico gihe abarimyi baratewe amakenga bibaza uko umwimbu uzogenda. Ariko ubu bemeza ko bahavuye bikora ku bafundi b’indimo mu guhangana  n’utwo dukoko, babaronsa imiti barapompa imirima. Hambavu aho ngo baciye batera n’imbuto zirobanuye, ubu bakaba bishimira umwimbu baronse.

«Ndavye umwimbu wanje n’uwo abo turimira hamwe,ibigori  vyarabontse »: Ivyo bishikirizwa na Divine Bigirimana, umurimyi wo ku mutumba Tenga Gahwama.

Bamwe muri abo barimyi bashikiriza ariko ko imiti bakoresheje bayiguze izimvye n’ubwo bizeye ko amafaranga  bakoresheje bazoyagarura, bafatiye kuri uyo mwimbu.

«Usivye ko tuba twakoresheje amafaranga menshi kugira ngo umuntu ashobore kwimbura,…ahandi ho ntitwidoga,twarimbuye» : Vyemezwa na Cyrille Mpawenimana wo ku mutumba Tenga Local.

Alexis Ntampera icegera c’umukuru w’umutumba Tenga locale nawe nyene aremeza  ko umwimbu  ku bigori  wagenze  neza n’ubwo ico  giterwa cari catewe n’indwara: “Nivyo ,muntango ,ibigori vyaratewe n’indwara ariko tumaze kubimenya twarituye abajejwe uburimyi muri komine baratwereka imiti twokoresha.Twari udukoko tumeze nk’ibinyabwoya ahanini twona amababi ariko iyo ndwara yamaze umwanya muto”.

Muri ico gice ca zone Rubirizi no  mu bindi bice vy’intara ya Bujumbura, igiciro c’intete z’ibigori  cabandanyije kiduga. Ubu aho  muri  Tenga , ikilo   c’intete  z’ibigori kigeze  ku mafaranga y’amarundi  yababa 2500, nayo ic’ifu  y’ibigori kikaba  cababa amafaranga y’amarundi 3000.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE