Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2025 umukinyi mpuzamakungu w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssouf ( Nyange) asanzwe akinira umugwi OGC Nice ukina mu cicaro ca mbere mu Bufaransa yaraye agendeye Michael Wimmer asanzwe ariwe muserukirizi w’ububirigi mu Burundi .
Uwo atwara ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi yamwakiriye neza cane n’umutima mwiza baca baganira ku vyerekeye urugendo rwiwe rw’umupira w’amaguru ndetse n’ibindi bitandukanye vyerekeye kazoza k’abana b’abarundi bakina umupira w’amaguru.
Inyuma y’uwo mubonano Ndayishimiye Youssouf yaciye aboneraho n’akaryo ko gutanga umwambaro mushasha w’umugwi OGC Nice azokwambara mu mwaka w’inkino wa 2025-2026
Mwomenyako Ndayishimiye Youssouf amaze imisi ari hano mu gihigu c’Uburundi mu karuhuko.