Umuririmvyi Ney Je yari amaze igihe kitari gito adakora umuziki ku mvo zo kubura uburyo no gutakaza indirimbo zari zamaze gukorwa ariko ubu akaba agarutse n’indirimbo yiwe nshasha yise “Tukanyukure” ubu iriko ivyifatamwo neza ku rubuga rwiwe rwa youtube.
Mu kiganiro indundi hit show yahaye insamirizi indundi culture kuwa kabiri igenekerezo rya 10 ruheshi uyu mwaka nyene wa 2025, ashikiriza ko yakunda kwumviriza indirimbo z’umuririmvyi Mr Nice ava mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Mu mwaka wa 2008 niho yatanguye kwandika uturirimbo atadusohora. Muri ico gihe nyene yaciye atangura kuja mu mirwi yo guhiganwa mu bijanye no kuririmba. Urugendo rw’umuziki yarutanguriye ku ndirimbo yise “Amadidane”.
Nshimirimana Jules amenyesha ko n’aho yahuye n’intambamyi nyishi bitamuciye intege arico gituma yashimye gukoresha uburyo bwiwe kugira ngo asubire kugaragara mu muziki kandi n’abakunzi biwe basubire kumubona ukundi gushasha. Akaba ariko yitegura gusohora isanamu y’iyo ndirimbo mu kwenzi kw’umunani uyu mwaka nyene. Arasaba abakunzi biwe kuguma bakurikirana ibikorwa vyiwe no kuja ku rubuga rwiwe rwa youtube bakamushigira mu gukurikirana ibikorwa ashirako.
Ney Je arasaba kandi abantu babishoboye, abakunda umuziki ndundi hamwe n’aba “diaspora” ko bomushigikira muri kino gihe kugira ngo ibikorwa afise bishobore kuboneka ata nkomazi. Aripfuza n’uwomubera umu “manager” kuko yipfuza kuzokora ibiteramo akaba anfise n’indoto zo gukorana n’umuririmvyi w’umurundi “Sat B”. Arashima kubona indirimbo yiwe iriko iravuzwa mu bunywero no ku nsamirizi zitandukanye.