Umuririmvyikazi w’umurundi Nshimirimana Anne Marie avuga ko atarota ahagarika kuririmba indirimbo mpimbaza mana ahubwo agiye gukora cane muri uno mwaka. Yabishikirije inyuma yo gusohora indirimbo yise “Tur’umwe”. Umuvuduko afise wo gukora cane ariko awukura ku mufasha wiwe.
Uwo muririmvyikazi w’umurundi akongera akaba n’umwanditsi ashikiriza ko mukwandika iyo ndirimbo ar’uko yari mu bihe vyo kuryoherwa, ukwibuka hamwe no gushima, ivyo vyose abiteranije ayikora ku buryo n’uwuzoyumviriza agire intege zo kwihangana mu bihe azoba ariko aracamwo. Amasanamu y’iyo ndirimbo yafatiwe aho asanzwe akorera ubuzi butanfukanye. Iciyumviro co kuhakorera n’uko yipfuza ko ahantu hose hagarara gukorera Imana .
Anne Marie amenyasha ko vuba cane agiye gusohora iyindi ndirimbo agahamagarira abantu kuguma bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa youtube kugira bagume baryoherwa n’indirimbo mpimbaza mana zifise umudiho utambika zikagira n’amajambo meza. Arashimira abantu bose baguma bamutera intege.
Anne Marie avuga ko umuririmvyi yakunda kwumviriza ari umuririmvyi wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda ariwe Aline Ngahongahire. Ukudakorana n’abandi baririmvyi bo ngaha mu gihugu n’uko atipfuza guhemukirwa canke ivyo guterana amajambo bikunze kwibonekeza muri bamwebamwe.