Abantu bagirizwa uburozi baba mu ducimbiri 2 two muri komine Nyabiraba intara ya Bujumbura barahohotewe. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati amenyesha ko bageze ku ntambwe ishimije mu kurwanya abo bantu bahohotera abandi.
Vyabereye mu ducimbiri twa Mubira na Bugombe muri komine Nyabiraba iri mu ntara ya Bujumbura kuri uyu wa mbere. Ni ku bilometero hafi 20 uva k’umurwa mukuru wa komine Nyabiraba.
Umukwabu watanguye nk’igihe c’isaha zitandatatu z’umurango nk’uko abanyagihugu baho babibwiye Radio Indundi Culture kuri uyu wa kabiri, wakozwe n’urwaruka ruvuye mu ducimbiri dutandukanye ariko nta wemeza neza urwo ari rwo.
Abahirwa bari “Abarozi” bivugwa ko bavyiyemerera. Urwo rwaruka rwoba rwaje rufise urutonde rw’abo barozi. Abafashwe ari na bo bahavuye bicwa barakubiswe ibihiri barashaya, hari n’uwaturiwe gushika aho adenduka.
Ntivyari vyoroshe ico gihe kuko n’abapolisi b’aho bararengewe bariko babuza ubwo bwicanyi. Abahaba batubwiye ko abapolisi babwirwa ngo : “Rasa zirahera, ikizira n’ukubuza ko abarozi bagororwa.”
Abapolisi baratabaje abaza kubongereza rwa rwaruka ruca rutungwa n’ayo rwameze, abanyagihugu bashwabadukira rimwe baza kuraba ivyabaye bataha bumiwe mumasaha y’ijoro. Ubu rero abanyagasarara batekewe n’ubwoba.
Bamwe batubwiye ko ibi bitari bwakabeho kuva uwo mutumba ubayeho. Ubu hari abemeza ko uburozi bwahiraye kuko ata musore waho yiga ngo ahagaruke atarozwe, umwigeme akundanye n’umuhungu bikamenyekana aba arozwe wa muhungu akamuheba, uwukoreye amahera akayagurira ikintu umuntu w’aho ayo yarafise yose aba agurutse,…
Baratinya ihori hori
Kuri uyu wa kabiri Radio Indundi Culture yasanze ababuze ababo bashavuye. Bavuga ko abantu bazira ubusa, akadenderezo n’urwikeko mu gihe ab’abandi bari bamaze igihe barogerwa ababo bavuga ko ahubwo abantu bikuye abansi kw’izosi, bati : “umurozi ni uwo kwicwa nibo batumariye abacu, nibo batubujije gutera imbere n’ibo baturara k’umugono, …. . Ubu rero basaba ko hoja haraba ivyo bita “Gututumura” abarozi kugira amahoro aboneke.
Ivyo abashingantahe b’aho babona ko bigiye gukwega akarambaraye kuko ari vyo abana bakiri bato bariko bakura babona. Bavuga ko ivy’ukwagirizanya uburozi muri kino gihe biriko bifata uwundi murindi muri kino gihe muri ico gice c’intara ya Bujumbura mu gihe hari n’abemanga ko baroga, ari vyo biteye imitima ihagaze mu miryango. Ako karere kandi kazingamitswe n’intambara yo muri kahise.
Musitanteri w’aho Michel Mpitabakana ariko aranegura ko hari abatware bo hasi bagira uruhara muri izo ndyane kuko batadoma urutoke ku baba bariko bahungabanya umutekano w’abandi.
Kuri uyo mutumba kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 2 mukakaro 2025 hazindukiye inzego z’igipolisi n’igisirikare zitari zihamenyerewe. Hafashwe abantu bataramenyekana igitigiri kuko hari n’abakironderwa baja gufungirwa k’umurwa mukuru wa komine Nyabiraba.
Mu kiganiro c’urwego nshingwabikorwa n’abamenyeshamakuru umushikiranganji w’intwaro yo hagati yamenyesheje ko iyo ngendo yatanguye kwibonekeza mu ntara ya makamba mu mwaka uheze ko hamaze guhanwa abagera kuri 62. Martin Niteretse yashikirije kandi ko bamwe muri abo biyita abatutumuzi canke ba “kamucape” basigaye bikinga umwiza maze bakabikora mw’ijoro. N’ubwo biri uko uwo mushikiranganji yemeza ko kugwanya abakora bene ivyo bigeze ku ntwambwe ishimishije.