Abakorerabushake 14 bo muri komine Nyabitsinda intara ya Ruyigi bishuza ibiro vy’indero hamwe na komine ubwayo amafaranga bita “ay’agasabuni”angana n’imiriyoni 3 mu mafaranga y’amarundi bemerewe , amafaranga Bari biteze kuva mu gice ca kabiri c’umwaka w’ishure wa 2023 ushira uwa 2024
Abo bigisha b’abakorerabushake bagera kuri 14 bo muri komine Nyabitsinda, bavuga ko ayo mafaranga bari bayiteze kuva mumpera z’igice ca kabiri c’umwaka w’ishure wa 2023 ushira uwa 2024 ariko gushika n’ubu mu mwaka w’ishure wa 2024 ushira uwa 2025,akaba atayo barashobora kuronswa.
Bamwe muri abo bakorerabushake bagasaba ko itangwa ry’ayo mfaranga borishinga umugwi w’abigenewe kugira habeho no gukurikirana ko ico gikorwa kiriko kigenda nk’uko bavyipfuza
Anastasie Nahishakiye arongoye komine Nyabitsinda agira ati:”umugwi wari warashinzwe mu biro vy’ubuyobozi bw’indero muri ino komine vyarabananiye kwegeranya ayo mafaranga y’abakorerabushake,ariko twahavuye dushinga uwundi mugwi wo muri komine ,gusa amafaranga yahavuye akora mubindi vyari vyihutirwa”.
Uwo muyobozi amenyesha kandi ko n’ubwo ayo mafaranga yakoreshejwe,ubu yamaze guharurwa kugira asubizwe biciye mu matagisi n’amakori azokwinjira mu kigega ca komine mu kwezi kwa mbere kw’umwaka buca dutangura wa 2025 yongere ashikire abo agenewe.
Abo bakorerabushake bakaba bashima iyo nyishu bahawe ariko bagasaba ko hoba kwubahiriza ico kiringo,nk’uko uwu mwaka
W’ishure wa 2024 ushira 2025 vyakozwe bakaronka amafaranga yabo ku gihe.