DivertissementEntertainmenthomepageKirundiMusic

Paci Etoile du centre agira ati: “umuziki usigaye ubeshejeho abaririmvyi”

Umuririmvyi Paci avuga ko umuziki umaze gutera intambwe n’aho utaragera kure cane ariko sico kimwe no mu myaka icumi iheze aho abaririmvyi ba kera vyari bigoye kuririmba gusa vyasaba ko ukora akandi kazi kugira ngo uronke amahera yokubeshaho. Umuziki wa kera wawukora kuko vyari ibintu ukunda ariko ubu ni akazi.

Uyo muririmvyi w’umurundi ari mu mugwi wa “Etoile du centre“ ashikiriza ko abaririmvyi bakoze umuziki kera bagwanye intambara nyinshi gusumba uno musi kuko ubu urashobora gukoresha imbuga ngurukana bumenyi igikorwa cawe kikagera kure cane. Paci agira ati :”intambara twagwanye ni iyo gukura indirimbo z’abanyamahaga mu barundi kuko abarundi ntibakunda ivyabo ariko ubu baramaze kubitahura basigaye bavuza umuziki ndundi mu bunwero”.

Paci amenyesha ko abaririmvyi bariko bakora ubu bafise amahigwe menshi kuko ibintu bimaze gutera intambwe mu muziki wa kino gihe usigaye urimwo amafaranga kandi ni vyiza kuko bituma umuririmvyi akora umutima uri munda. Arahanura abaririmvyi bariko bashaka gukora umuziki nk’ubu “star” ko umuziki ari akazi. Hariho n’abaririmvyi badashaka kwiga umuziki, ico bomenya n’uko umuziki bawiga kuko iyo wize umenya vyinshi bikabafasha kumenya akaranga k’umuziki. Ikindi gusohora indirimbo ata majambo yo guhanura arimwo bituma indirimbo itakaza igihe rero iyo wanditse utaravye ejo y’iyo ndirimbo usanga yamaze guta igihe ariko iyo uririmvye indirimbo yo guhanura canke guhimiriza izokwibukwa no mu myaka cumi. Abaririmvyi barabire kuri bakuru babo nk’umuririmvyi “kidumu” araririmba indirimbo zurukundo ariko gushika ubu ziracafise akanovera.

Abaririmvyi batandukanye ico bita “Good music“ na “Hit music“ kuko sico kimwe, iyo ukoze “Good music “ uyikora uravye imyaka 7 iri imbere ariko iyo ukoze “Hit music” ubu ushaka ko abantu bakumenya bigaherera aho ariko nimba ufise imbono ya kazoza kora umuziki urabiye kubagutanguriye. Uyo murirmvyi Paci afise indirimbo nshasha yise “Bayakuyehe“ ikaba iri ku rubuga rwiwe rwa youtube.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE