homepageKirundiSport

Pacifique Ndabihawenimana, bitumwako mu kazi k’ubuhagarikizi mu mupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF, aho ryamaze gushira urutonde rw’abahagarikizi bagiye kwitabira inyigisho zo kuba kw’igenegerezo rya 11 gushika kurya 15 Ntwarante 2025 mu gisagara ca Abidjan muri Côte d’Ivoire bitegurira inkino ca CAF Champions League na Confederation Cup, izina rya Pacifique Ndabihawenimana ntiryasigaye inyuma.

Ndabihawenimana ni umuhagarikizi mpuzamakungu amaze gukora vyinshi kandi akunzwe mu gihugu c’Uburundi, akaba afise imyaka 39 (Yavutse igenekerezo rya 5 Ntwarante 1985).

Muri abo bahagarikizi harimwo 25 bo hagati mu kibuga, 6 kuri VAR hamwe na 31 bo ku mpande z’ikibuga. Bagiye kwitabira izo nyigisho harimwo umurundi muri abo 25 bo hagati Ndabihawenimana Pacifique. Ikindi kandi Jean Claude Birumushahu, umurundi nawe ari ku rutonde rugize Staff ya CAF mubazoba mw’izo nyigisho muri Côte d’Ivoire.

Izo nyigisho zikazokwibanda cane cane ku gukoresha ubuhinga bugezweho bwa VAR ari nabwo buzokoreshwa muri 1/4 gishira ica nyuma mu nkino zizohuza imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Afrika.

Pacifique Ndabihawenimana akaba yamenyekanye mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika hamwe no guhagarikira mu mahiganwa akomakomeye yo muri Afrika nka CAF Champions League hamwe na CAF Conference Cup.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE