homepageInternationaleKirundi

Perezida Trump yemeje ifatwa ry’ubwato butwaye igitoro bwa Venezuela n’ingabo za Amerika

Mu ntango za Kigarama 2025, Perezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, yamenyesheje ko igihugu ciwe cafashe ubwato bunini bwuzuye igitoro hafi y’inkengera z’igihugu ca Venezuela. Ibi vyatumye haba umudugararo mwinshi hagati ya Washington na Caracas, hamwe n’iduga ry’ibiciro vy’igitoro ku masoko mpuzamakungu.

Ubwo bwato bivugwa ko bwari butwaye igitoro kivuye muri Venezuela hamwe na Irani, ibihugu vyompi vyashizweko ibihano na Amerika kubera ibikorwa vyavyo vya politike n’ubutunzi.

Trump yavuze ati: “Twafashe ubwato bunini cane kurusha ubundi twigeze gufata. Bwari buri hafi ya Venezuela kandi twabufashe ku mpamvu nziza cane.” Naho atatanze ibisobanuro vyimbitse ku bijanye n’ubwo bwato, aho bwari buriko buraja canke uwari abutwaye, yavuze ko Amerika izobugumana mu minwe yabwo.

Reta ya Venezuela, irongowe na Perezida Nicolás Maduro, yaciye itanga itangazo rikomeye ryagiriza Amerika ko yakoze “ubusuma budasanzwe”. Yamenyesheje ko izorwanira uburenganzira bwayo, ubutunzi bw’igihugu hamwe n’icubahiro cayo, kandi ko izoshikiriza ico kibazo imbere y’ ubutungane mpuzamakungu.

Iyi nkuru yatumye ibiciro vy’ igitoro ku masoko mpuzamakungu biduga. Abasesanguzi bavuga ko igikorwa ca Amerika gishobora gutuma haba uguhungabana kw’isoko ry’ igitoro, cane cane ko Venezuela ari kimwe mu bihugu bifise ubutunzi bushingiye ku musaruro w’ igitoro hamwe n’ubutare.

Iyi ngingo ya Amerika ifatwa nk’ugushira igitsure ku butegetsi bwa Maduro, mu gihe Trump abandanya gushira imbere politike yo gukumira ubutegetsi bwa Venezuela. Hari ubwoba ko ibi bishobora gutuma haba uguhangana gukomeye hagati y’ivyo bihugu bibiri, bimaze imyaka myinshi mu ntambara y’amajambo n’ibihano vy’ubutunzi.

Iyi ngingo ya Amerika ishobora gutuma haba uguhangana gukomeye hagati ya Washington na Caracas. Perezida Trump yavuze ko ata gihugu na kimwe kizokwihanganirwa mu gihe kiriko kirafasha ubutegetsi bw’ iterambere, ni mu gihe Maduro nawe yavutse ko Amerika iriko iragerageza kuvugera ubusugire bw’ igihugu ca Venezuela.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE