AfriquehomepageKirundisécurité

Reta ya Sudani yagiriza Perezida Donald Trump gukokeza intambara

Reta ya Sudani yagirije intumwa za Reta zunze ubumwe bwa Amerika ko ziri mu babangamiye amahoro muri ico gihugu kimazemwo imyaka ibiri cadutsemwo intambara hagati ya Reta ya gisirikare ya Sudani irongowe na Abdel Fattah Al-Burhan hamwe n’umuhari wa Rapid Support Forces, RSF, urongowe na Mohamed Hamdan Dagalo, azwi kw’izina ry’intambara nka Hemedti. Al-Burhan yagiriza Reta zunze ubumwe za Amerika gukorana Reta Zunze ubumwe z’abarabu, UAE mu guhengamira ku ruhande rwa RSF imaze imyaka irenga ibiri isasika inganda muri ico gihugu.

Kuwa 23 Munyonyo 2025, umukuru w’igisirikare ca Sudani akaba ari nawe arongoye ico gihugu Al-Burhan yamiriye kure icipfuzo gishasha ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika cashikirijwe biciye ku muhanuzi mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika Massad Boulos. Al-Burhan yise uyu mugambi wamusaba gusambura inzego z’umutekano z’igihugu ca Sudani ariko zikarekera abarwanyi ba RSF mu bibanza bamaze kwigarururira, “umugambi wo gushira igihugu mu kaga”. Ibi Al-Burhan yabivugiye i Khartoum ku murwa mukuru wa Sudani aherekejwe n’ivyegera vyiwe Yasir Al-Atta na Ibrahim Jabir, umukuru w’igisirikare n’ivyegera vyiwe, umukuru w’igiporisi n’ivyegera vyiwe hamwe n’abarongoye inzego z’iperereza muri ico gihugu.

Muri iyo nama, Perezida Al-Burhan yaraburiye inzego zose z’umutekano muri Sudani ko nimba utwigoro twose tw’ibiganiro vyo gusubiza hamwe abanya Sudani vyobandanya muri iyo nzira, ata zindi nzira igisirikare cohamagarirwa gufata atari kwisubiza aho abasirikare ba RSF bamaze kwigarurira hose harimwo n’igisagara baheruka kwigarurira ca El_Fasher hakoreshejwe inguvu z’umurengera. Yagirije intumwa za Reta zunze ubumwe bwa Amerika gukoresha igikenye mu kwumvisha Reta ya gisirikare ya Sudani uyo mugambi.

Kuva aho iyo ntambara itanguriye muri Ndamukiza 2023, raporo z’amashirahamwe atandukanye yitaho uburenganzira bw’ikiremwa muntu zandika ko Sudani iri mu kaga katagira izina aho abanya sudani barenga imiriyoni 12 bataye izabo, mu gihe abagera ku miriyoni 30 nabo bakeneye imfashanyo zihuta canecane imfungurwa.

Ibi biri uko mu gihe ku rubuga igisirikare ca RSF kibandanya gusasika inganda mu ntara kimaze kwigarurira nka Kordofan, aho izo ngabo zagirizwa gufata abana n’abakenyezi ku nguvu, mu ntara ya Darfur, aho ziheruka kwigarurira igisagara ca El-Fasher inyuma y’intambara ikomeye yahitanye ibihumbi vy’abantu hagati ya RSF n’igisirikare ca Reta ya Sudani. Ibintu bibandanya kuba bibi ku basirikare ba Reta ya Sudani aho ingabo za RSF ziriko ziregereza igisagara ca Al-Obeid bafata ko ariyo nzira izobaharurira gushika i Khartoum gukuraho uburongozi bwa Abdel Fattah Al-Burhan.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE