Abarimyi barimira mu mwonga wa Murembwe bavuga ko bakunze gusanga iyo mvubu ikunze gusohoka ivuye mumazi yikiyaga Tanganyika yononye imirima yabo
Bamwe muri abo barimyi bavuga ko barima, bukeye mugitondo bagasanga iyo mvubu yonye iyo mirima ibituma basubira guteragira bushasha .
Uretse ukonona iyo mirima yabo ,abo barimyi bavuga kandi ko batinya ko haruwo yokomeretsa iyo bagerageje kuyirukana muriyo mirima.
Umwe muri abo barimyi avuga kandi ko iyo mvubu iza ikabononera imirima igizwe n’ama tomate , n’ ibigori, nayo bayibonye bigatuma biruka kugira ntihagire uwohasiga ubuzima.
Ikindi giteye amakenga abo barimyi nuko iyo mvubu ibandanya kwonona imirima iherereye ahageze amazi y’ikiyaga Tanganyika muri kino gihe yaduze.
Abobarimyi basaba ababijejwe ko iyomvubu yosubizwa mukiyaga mugihe cose isohotse ikiyaga.
Ubuserukizi bw’ikigo c’igihugu kijejwe gukingira ibidukijije mu ntara ya Rumonge buremeza ayo makuru. Bakavuga ko imvo zituma iyo mvubu ishika mumirima y’abanyagihugu aruko ahegereye iyo mirima ubu hahindutse uburaro bwayo kubera iduga ry’amazi yikiyaga Tanganyika.
Obedi Ntineshwa aserukira ico kigo muri iyo ntara avugako kumusi wa gatanu w’indwi iheze iyo mvubu yarimaze imisi yiyerereza bayisubije mu kiyaga bafadikanije n’abajejwe umutekano .
Mukiyaya c’Imbo kunkengera zikiyaga Tanganyika imvubu zikunze Kuva mukiyaga canke muruzi rusizi zigashika ahari imihana yabantu canke muma barabara.