Isoko nkuru ya commune Rumonge intara ya Burunga igiye kwubakwa igerekwe gatatu. Vyavuzwe na musitanteri w’iyo commune Augustin Minani kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 01.03.2026 ,munama yamuhuje n’imvukira za Rumonge zikorera imiromo yazo mugisagara ca Bujumbura .
Musianteri asigura ko uko kwagura iyo soko ari no muntumbero yo gutorera umuti amatati atandukanye afatiye kubibanza yama yibonekeje muri iyo soko. Amwe muri ayo, ni ayafatiye kibibanza vyatswe abadandaza muri 2023 n’ikigo cegeranya amakori n’amatagisi OBR , vyegurirwa abari babibapangiye , inyuma y’ingingo ya Reta yategetse muri uyo mwaka nyene, ko abakorera mubibanza biri mumasoko ya Reta,aribo babwirizwa kugiriranira amasezerano nayo yo gukota ivyo bibanza, kugira hatuzwe ingendo yo kudatanga amakori mukigega ca Reta ajanye n’ayo bapanzeko ivyo bibanza . Kubwa musitenteri, kubera ko iyo soko imaze imyaka irenga mirongo itatu n’itanu (35 ans), ivyo bituma ubu iyo soko yaga.
Musitanteri wa commune Rumonge, avuga ko umuti urama kuri ico kibazo, ari ukwagura isoko ikagerekwa gatatu , kugira ico kibazo, hamwe n’ayandi matati afatiye kubibanza bitorerwe inyishu, naho adatomora ryari uwo mugambi commune izowushirira mungiro.
Musitenteri Augustin Minani yanasavye abavuka commune gushigikira imigambi y’iterambere ry’iyo commune igizwe n’ayahoze ari ama commune ya Rumonge,Burambi na Buyengero mundinganizo y’ivyintwaro yahahora
























