Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba ugiye kwakirira ibihugu vya Côte d’Ivoire na Seychelles mu gihugu ca Maroc muri za nkino zo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi c’umwaka wa 2026. Ivyo tukaba twabisomye ku rubuga ngurukanabumenyi rwo mu gihugu ca Côte d’Ivoire ”les Ultras Ivoiriens.”
Vyari bitegekanijwe y’uko mu kwezi kwa Ntwarante, Uburundi bwokwakirira imigwi yo mu bihugu vya Côte d’Ivoire na Seychelles ku kibuga c’intwari. Umwe mu Ndongozi z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi atashimye kuvuga izina yabwiye indundi Sports y’uko haciye igihe ishirahamwe FIFA risaba Uburundi kuvuga ikibuga buzokwakirirako Côte d’Ivoire na Seychelles, nabo baca bahitamwo gutanga ikibuga ca Chérifien kiri i Maknès mu gihugu ca Maroc. N’ubwo biri uko, ngo kuba bahisemwo kwakirira iyo migwi muri Maroc ntibica bisigura y’uko ikibuga Intwari kizoba kitararangira mu kwezi kwa Ntwarante. Ahubwo ngo bahisemwo gukurikiza amategeko ya FIFA yabasavye ko boba batanze ikibuga bazokwakirirako iyo migwi imbere y’amezi atatu.
Nayo kuba Uburundi bwahisemwo kwakirira iyo migwi muri Maroc atari mukindi gihugu kiri hafi, ngo n’uko hariho amasezerano yo gufashanya hagati y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mu Burundi hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Maroc. Ivyo bizotuma igihugu ca Maroc gifasha Uburundi ibintu vyose bikenewe muri urwo rukino.
Uburundi buzokwakira igihugu ca Côte d’Ivoire igenekerezo rya 17 Ntwarante, bwakire igihugu ca Seychelles igenekerezo rya 24 Ntwarante 2025. Gushika ubu, Uburundi buri mw’itsinda ”F”. Buri mu kibanza ca gatatu n’amanota 7, bukaba buri inyuma ya Côte d’Ivoire iri mu kibanza ca mbere na Gabon iri mu kibanza ca kabiri.