ElevagehomepageKirundi

Ubworozi bw’imbata bukozwe neza buratanga umusaruro kare

Iyo ubworozi bw’imbata bukozwe neza buratuma haboneka kare inyungu nk’uko bamwe mu bazororeye mu ntara ya Bujumbura bavuga. Imbata ziri mu bitungwa biguruka bidakunze guterwa n’indwara.

Urbain Kwizera ni umworozi w’ibiguruka asanzwe aba muri karitiye Nyabugete muri komine Mugere intara ya Bujumbura. Muri ivyo yorora haribonekeza cane ubwoko bw’imbata butandukanye. Kwizera avuga ko yahisemwo imbata kuko zunguka kare. Muvyo atuzi hari imbata nyinshi zababa 400 ziri mu bwoko butandukanye ariko akaba yahereye ku mbata zishika kuri 20 gushika uno musi aramaze guharura imbata amaze kwinjiza mu rugo iwe zirenga 800 zivuye kuri izombata 20 yahereyeko.

Naho biri uko intambamyi ntizibuze na cane cane ko kuzorora bisaba umutahe no kuzitaho naho Arbain kwizera we abonako ari ibintu bisanzwe mu gihe irigi ry’imbata rigurwa amafaranga 1500fbu kuduga aho nayo ikiro c’inyama zayo kigurwa amamafaranga 45000fbu.

 

Abo borozi bahamagarira abifuza kwiyungunganya kwitaho ubworozi bw’imbata kuko umuntu ashobore kuhaterera imbere mu buryo bunyarutse.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE