East African CommunityhomepageKirundiPolitique

Uganda: Bobi Wine amenyesha ko atazokwitura ubutungane ku vyavuye mu matora

Bobi Wine ni umwe mubatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’igihugu ca Ouganda. Mu kiganira yatanze kuri BBC yamenyeshe ko atazohakana ivyavuye mu matora yo ku wa 15 Nzero 2026 kandi ko atazokwitura ubutungane kuko atakwizera afitiye ubucamanza bw’ico gihugu. Yasavye abamushigikiye ko boja mu mabarabara mu myiyerekano mu mahoro n’umutekano.

Abandanya avuga ko azokomeza guhangana na Président Yoweri Museveni nubwo hakiri impungenge ku mutekano w’ubuzima bwiwe.

Ni mu gihe Bobi Wine afise imyaka 43 y’amavuko yari yarigeze kuba icamamare mu muziki agasaba abanya Ouganda gukoresha uburyo aribwo bwose bwemewe n’amategeko kugira bagwanire demokarasi.

Président Yoweri Museveni akaba afise imyaka 81 niwe yongeye gutorwa kuba umukuru w’igihugu ca Ouganda. Yagiriza abatavuga rumwe gushaka gusambura ivyavuye mu matora. Ku bwiwe we avuga ko ari ugushaka kuzana iterabwoba.

Ni mu gihe ku musi wa kabiri waraye uheze General Muhoozi yahaye amasaha 48 kugira Bobi Wine abe yishikanye kuri police kuko we ubwiwe niyarinda kumwifatira azomuca ubugabo. Kuva ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 17 Nzero 2026 Bobi Wine bataramenya aho aherereye.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE