Vinicius Junior ndetse na Aitana Bonnati ni bo bakinyi batowe nk’abakinyi beza kurusha abandi mu mwaka wa 2024, mu bushimwe bwa FIFA bwaraye butangiwe i Doha muri Qatar, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 kigarama 2024.
Muri buno bushimwe kandi, hatowe abamenyereza b’umwaka, aho umumenyereza w’umwaka ari Carlo Ancelotti amenyereza umugwi Real Madrid, ndetse na Emma Hayes, amenyereza umugwi nserukiragihugu w’abagore wa Reta zunze ubumwe za Amerika.
Gutanga ubwo bushimwe vyavuye ku majwi y’abatoye harimwo abamenyereza ndetse na ba kizigenza b’imigwi nserukirabihugu, amatora yo kuri Internet y’abafana ndetse n’abamenyeshamakuru 200 bahagrariye abandi kw’isi kuri buri igihugu.
Kuruhande rw’Uburundi, mu bagabo hatoye umumenyereza wa mbere Patrick Sangwa, na kizigenza w’umugwi nserukira gihugu, Saido Ntibazonkiza.
Muri ayo matora, umukinyi wa mbere uhisemwo gutora ubwa mbere aronka amanota atanu, uwa kabiri aronka amanota atatu, mu gihe uwa gatatu aronka inota rimwe.
Umumenyereza w’Intamba mu rugamba Patrick Sangwa wewe, umukinyi wambere yatoye ni Toni Kross, mu gihe Saido Ntibazonkiza wewe yatoye Vinicius.
Uko batoye ni uku :
Saido Ntibazonkiza :
1) Vinicius Junior
2) Kylian Mbappé
3) Lamine Yamal
Patrick Sangwa:
1) Toni Kross
2) Rodri
3) Jude Bellingham
Mwomenya ko Saido Ntibazonkiza n’ubwo yatoye, aheruka kudatumwako mu mugwi nserukiragihugu w’Intamba mu rugamba mu nkino zibiri ziheruka.