Inyuma yo gusezererwa mu nkino z’imigwi yatwaye ihiganwa mu bihugu vyayo (CAF Champions League) n’umugwi Al Ahly wo muri Misiri aho urukino rwa mbere batsinzwe 1-0, urwa kabiri batsindwa ikindi gitsindo 1-0, uburongozi bw’uwo mugwi bwemereye, kuri uno wa 27 Gitugutu 2025, agashirukabute abo bakinyi.
Ako gashirukabute kangana n’imiriyoni 100 z’amarundi ( 100.000.000BIF) bivanye n’ingene bitwaye.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, uwurongoye umugwi Aigle Noir, Umukenguzamateka Révérien Ndikuriyo yashimiye abakinyi biwe ingene bitanze aca abemerera amafaranga imiriyoni 100 z’amarundi .
Yagize ati: “kuwa mbere Munyonyo inyuma y’ukwezi kurenga Aigle Noir idakinira kuri NPPC , abakunzi karibu AIGLE NOIR VS RUKINZO. Kwinjira ni k’ubuntu . Murahawe ikaze! Inyuma y’inkino 2 umugwi Aigle Noir wakinye na AL Ahly , turavye uko umugwi witwaye, uburongozi bwa Fondation Pax Burundi buzoha agashimwe Staff n’abakinyi kangana n’imiriyoni ijana (100,000,000BIF). Tubipfurije gukora kurusha kugira umwaka uza abapanga inkino bazosubire baduhuze na AL Ahly turabe uko bizogenda”
Mwomenya ko Révérien Ndikuriyo yari yemereye buri mukinyi wa Aigle Noir agashirukabute kangana n’imiriyoni 10 bishitse bagasezerera umugwi Al Ahly wo muri Misiri ariko bikaba vyarangiye abakinyi basezerewe muri izo nkino.

























