Umugwi w’abaririmvyi Dino boy bavuga ko iyo ndirimbo basohoye bayise “Rita” bitari vyoroshe kugira ngo isohoke kuko bari babuze amafaranga yo kuyisohora mu munzu ihinyanyura umuziki. Barasaba kuronka management kugira batere iyindi ntambwe.
Uyo mu mugwi bashikiriza ko batanguye nk’abagenzi ariko ubu bamezi nk’umuryango. Bagira bati :”umuziki si ikintu coroshe kuko turavye ivyo twaciyemwo harimwo ivyaduca intege ariko kubera dukunda umuziki twabonye ko ari ibisazwe”.
G Light amenyesha ko vyoba vyiza umugwi “we love muziki” basubiye kuba hamwe kuko ama bifu ataho ashobora gushikana umuntu kandi ivyo bituma umuziki usubira inyuma.B Lightta agira ati:”turacarondera, ivy’abakunzi twabanje kubishira ku ruhande kuko nitwokora ibintu bibiri ica rimwe”.
Barahamagarira abakunzi babo ko boja ku rubuga rwa youtube rwabo rwitwa Dino boys kugira bagire j’aime, partage na commentaire. Abo baririmvyi bavuga ko bafise izindi indirimbo nyinshi batarasohora kubera kubura uburyo ariko barashimira abantu bariko barabafasha muri kino gihe kugira ngo ibikorwa vyabo bibandanye biboneka.