DivertissementKirundiSociétéSport

Umugwi Remesha ugiye gushira inguvu kurusha mu rwaruka

Mu gihe umugwi wa basketball Remesha uheruka gutahukana ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryahuje imirwi yo mukarere ka zone ya 5 gaherereye muri  Afrika y’ubuseruko,uburongozi bw’uwo mugwi bushikiriza ko bugiye kwongereza inguvu.Yamara umukuru w’uwo mugwi aranavuga zimwe mu ntambamyi nk’ubukene bw’ibibuga n’ibindi.

Iryo higanwa Uburundi bwitabiriye  ryo ku rwego rwa Afrika y’ubuseruko  bita zone 5 mu rukukino rwa basketball, ryitabiriwe n’ibihugu bitatu  , Uburundi kenya na Tanzaniya,inkino zariko zibera mu gihugu ca Kenya, umugwi Remesha niwo watahukanye ikibanza ca mbere.

Mu nkino zitanu zose Remesha yakinye yarazitsinze. Uburongozi bw’uwo mugwi bumenyesha ariko ko hagiye kwinjizwa urundi rwaruka mu ntumbero yo kugwiza impano muri uwo mugwi mbere ko bazobandanya barungika hanze y’igihugu abo bigaragara ko barusha abanda nk’uko bamaze kubikora.

Juvenal Sakubu arongoye uwo mugwi agira ati :” turafise umugambi wo kugwiza impano , turafise abana turiko turamenyereza, kandi tuzogerageza guhigira isoko  hanze y’igihugu abo tuzoba tubona ko bafise impano kurusha abandi”

Juvenal Sakubu atera akamo iyindi migwi kugwiza igitigiri c’abakina urukino kuko iyo urwaruka ruhurumbiye inkino bibarinda kuja mu ngeso mbi kanatsinda inkino zirashobora gutunga umuntu kubwiwe.Uyo arongoye umugwi Remesha anegura ko hibonekeza ubukene bw’ibibuga bikwije ibisabwa kandi ko ari kimwe mu ntambamyi ituma badategura amwe mu mahiganwa ,asaba abajejwe intwaro gufasha kugira rumwe murwaruka rufise impano ntirugende akagirire .

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE