Ku ncuro igira umunani hatunganywa Ku rwego rw’igihugu imigwi ivuza ingoma iserukira intara ,umugwi w’abatimbo b’i Bujumbura niwo watahukanye Iryo higanwa ryahuje imigwi 33.Umwe mubanyakaranga yariko atanga amanota akemeza ko ryari ihiganwa ritoroshe kuko iyo migwi yose yerekanye ibintu vyiza n’ubwo itanu ariyo yatahanye ibibanza vya mbere.
Ni ihiganwa rigira umunani rihuza imigwi y’abatimbo iva mu ntara zose .Iryo higanwa ry’umurisgho w’ingoma rikaba risanzwe ritunganywa n’ubushikiranganji bw’imicokama .Kuri iyo ncuro hakaba hariko kandi hahimbazwa imyaka cumi irangiye ulurisho w’ingoma z’uburundi wanditswe mw’ishirahamwe mpuzamakangu UNESCO nk’itunga kama ntakabakabwa .
Ku migwi 33 yari yitabiriye iryo higanwa ,imirwi 5 n’iyo yarushije iyindi iyo nayo akaba ari Amagaba n’Akayazwe yo mu gisagara ca Bujumbura yakurikiwe n’umugwi w’abatimbo bo Gushora ,mu kibanza ca kane haje Abagenderangendo wo mu ntara ya Bujumbura ,nayo Birenzi vya ntare w’i Muramvya uza mukibanza ca gatanu .
Umunyakaranga akongera akaba n’umurondezi Ernest Nahimana yari no mubatanga amanota akemeza ko bitaboroheye kuko iyo migwi yose yerekanye ibintu biteye igomwe .Uyo munyakaranga asaba ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imicokama gushinga umugwi ndangakaranga umwe wiyaguye ushobora guserukira igihugu.
Ubushikiranganji bw’imicokama bwaserukiwe n’umuvugizi ,Rémy Barampama afise amakenga ko igiti c’umuvugangoma gikorwamwo ingoma ko gishobora guhona ahamagarira abarundi bose kugikingira . Rémy Barampama ahamagarira kandi urwaruka guhurumbira ingoma kugira bazoshobore gusubirira bakuru babo bariko baragera muzabukuru .
Iryo higanwa ry’umurisho w’ingoma k’urwego rw’igihugu rigira umunani rikaba ryasozerewe hongera hanahimbazwa isabukuru igira umunani ,ingoma z’uburundi zanditswe mw’ishirahamwe mpuzamakungu rya ONU ryitaho ibijanye n’akaranga UNESCO nk’itunga ndangakaranga ntakabakabwa.