Umuririmvyikazi w’umurundi Laurette Tetero asanzwe amaze imisi itari mike mu gihugu ,ariko asigura ahavuye ingingo yokwakira,asigura ko yagiye gushigikira umuvuga butumwa Chris Ndikumana mu gikorane yakoze itariki 08 kigarama 2024 cariko kibera mu gihugu ca Cote d’ivoire mu gisagara ca Abidjan gutyo aca avaho yakiriye agakiza.
Uyo muririvyi ashikiriza ko ivyo kuririmba indirimbo z’isi yabihevye .
Uyo muririvyi w’umurundikazi akaba kandi umwanditsi yemeza ko kwinjira mwihiganwa rya primusic bitamworoheye kuko yabitinya kandi ko atiyemera naho bamubwira ko afise ijwi ryiza ariko wewe ntavyo yabona naho bamutoye muri iryo higanwa ntiyashotse avyemera kuko atizera ko yoba uwambere.
Laurette Tetero amenyesha kandi ko indoto ziwe kwari ukwamamaza imico y’ikirundi hamwe n’akaranga mu bindi bihugu arico gituma yasohoye indirimbo yise Burundi bwanje ikaba yasohotse mu mwaka wa 2021 akavuga ko inyuma yihiganwa yaciye asubira kw’ishure akemezako ubu yakijijwe.Laurette Tetero ariko asigura icatumye akizwa,avuga ko yumvirije umuvuga butumwa Chris Ndikumana kandi ko yarafise umutwaro w’umuntu arwaye hama aza abona uyo muntu akize biciye muri kanguka ari navyo vyatumye akizwa.
Umuririmvyikazi Tetero avuga kandi ko ama video yakoze akiri muri Entertaiment ntakibarizwa ku mbuga yiwe ngurukana bumenyi kubera intumbero yafashe akavuga kandi ko abangenzi yarafise bose bamuhunze mbere n’abamukurikirana (views) yarafise baciye bagabanuka ariko vyose akaba abishimira Imana .
Laurette Tetero arangiza avuga ko aticuza ku ntumbero yafashe kandi ko ivyo yasize inyuma bitakimuraje ishinga.