EntertainmenthomepageKirundiMusic

Umuririmvyikazi Khailla Keza asaba abakunzi b’umuziki ndundi kumushigikira

Umuririmvyikazi Khailla Keza ni umwanditsi w’indirimbo «Ayi we» ubona ko iriko iravyifatamwo neza ku rubuga rwa youtube. Iyo mvukira yo muri karitiye Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura asaba abakunzi biwe ko boguma bamushigikira haba mu buryo bw’amafaranga ndetse no gusangiza abandi ibikorwa vyiwe.

Uwo muririmvyi kazi akogera akaba umukinyi w’amareresi ashikiriza ko mu guteba gusohora indirimbo aruko aba ariko aregeranya uburyo kugira aronse abakunzi biwe ikintu ciza. Intambanyi ntizibura ariko ku bwiwe umuziki arawukunda n’aho bamwe badatahura ivyo ariko arakora ariko mu myaka iri imbere bazobitahura kuko intango yama igora. N’ubwo biri uko, arashima intambwe agezeko.

Khailla amenyesha ko umudiho wa Dance salo abaririmvyi benshi badakunda kuwukora ariko ku bwiwe uramuryohera. Amajambo ari muri iyo ndirimbo ni ayo guhanura abantu bakunda kwivanga mu nkundo z’abantu bagasambura ingo zabo. Arashimira abakunzi b’umuziki uko babandanya bamushigikira.

Mu mwaka uza uyo muririmvyikazi avuga ko afise umugambi wo kuzokora indirimbo z’amasanamu z’urukurikirane.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE