CoopérationhomepageInternationaleKirundi

Uruja n’uruza rwaragabanutse hagati y’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo

Haraheze indwi irenga uruja n’uruza rugabanutse hagati y’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, RDC inyuma y’aho intambara yadukiye hagati y’umurwi ugwana Wazalendo n’igisirikare ca Congo. Muri zone Gatumba commune Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura ihana urubibe na RDC, ingaruka mbi z’iyo ntambara zaratanguye kwibonekeza.

Aha ni aho bita kuri centenaire canke kw’isoko mu Gatumba ku birometero birenga 4 uvuye k’urubibe Uburundi buhana na RDC. Abanyonga amapikipiki, amakinga n’amabajaji bahaparitse baza barasamira umwe umwe aje na bus ziva mu gisagara ca Bujumbura yerekeza muri Congo. Uyu ati haheze indwi dusa n’abicaye kubera izo ntambara zasubiye gukara muri Congo. “Ntakigenda n’ukuri, ntakigenda. Twirirwa twicaye hano twese turindiriye abakiriya. Ariko ntakigenda vraiment.”

Uretse abagenda, n’abakongomani bahora binjira mu Burundi gusuma ntibacinjira uretse abinjira bahunze.  Uyu mudandaza asigaye acuruza umufuko umwe w’ibilo 100 w’ibiharage mu gihe kare yahora acuruza imifuko ibiri.

“Mubisanzwe nokwemeza ko ibintu vyahindutse, kubera nahora ndonka abakiriya benshi bava muri congo . Ariko ubu baragabanutse cane kuko basa n’abugaranywe kirestse abashoboye guhunga.”

Iryo hungabana ry’uruja n’uruza ryavuye kw’igenwa rya General Olivier Gasita wo m’ubwoko bw’abanyamurenge kuyobora iperereza ryo mu karere ka Uvira. Bamwe mu banyagihugu n’umurwi urwanya Reta ya Congo Wazalendo bakaba biyamiriza uwo mu “general” bamwagiriza ko akorana na M23, ariko Reta ya Congo n’igisirikare bamirira kure ivyo vyose yagirizwa ahubwo bakagiriza wazalendo kwikeka abasirikare ba congo bo mu bwoko bw’abanyamurenge kandi ata vyemezo ufise. Intambara muri Uvira rero zikaba zikibandanya.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE