Steven Ebuela umukinyi w’inyuma w’umugwi AL Hilal wo mu gihugu ca Sudani yahawe ubwenegihugu bwo muri ico gihugu inyuma yo kwanka gukinira umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba adahawe ivyo yasavye.
Uwo mukinyi yavukiye mu Burundi, abavyeyi biwe bakaba basanzwe baba mu ntara ya Gitega ku murwa mukuru wa poritike yatanguriye gukina mu mugwi Flambeau du Centre.
Haciye amezi atari make indongozi z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB n’umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Patrick Sangwa bamwegereye kugira barabe y’uko yokinira Uburundi ariko ntivyahavuye bikunda kuko yasavye y’uko yohabwa inzu ibitahavuye bishoboka.
Gushika muri kano kanya ntarumvikana n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Sudani gukinira igihugu cabo ariko mu misi iri mbere bishobora kuja mungiro.
Bamwe bariko bibaza y’uko yoba yahawe ubwenegihugu bwo muri Sudani bivanye n’uko umugwi AL Hilal ugiye gukina ihiganwa ryo mu Rwanda, iryo naryo ryemerera abanyamahanga 8 gushirwa ku rutonde rw’abakinyi bashobora gukinishwa, (Feuille de Match).
Mwomenya ko Steven Ebuela asanzwe akina mu mugwi umwe wa Al Hilal wo muri Sudani n’umukinyi w’intamba mu rugamba Girumugisha Jean Claude (Msauza).

























