Umuririmvyi kazi Vania Ice arashima uko bamwakiriye mu muryango w’umuziki n’aho atavyera ngo nde intambwe agezeko ubu arayishima kuko hariho benshi batanguye nkawe ariko uno musi amazina yabo yamaze kwibagirwa. Ivyo ngo bimutera intege zo kubandanya akora umuziki kuko awukunda kandi ko abona ko imbere ari heza.
Uwo muririmvyikazi Muhuwimpundu Vania azwi kw’izina rya Vania Ice ashikiriza ko yatanguye kuririmba ari mu mashure yisumbuye. N’aho yaririmba ngo ntiyabona ko umusi uri izina azoba umuririmvyi azwi mu gihugu. Ivyo kuririmba vyatanguye gufata intumbero ni igihe Dj Paulin yamutwara mu nzu ihinyanyura umuziki aca amubwira aririmbe n’aho bitamworoheye kubadanya aririmbe aca abadanya aririmba indirimbo z’ikibiriraho ahantu hatandukanye. Mu nyuma yahavuye afata intumbero yo gusubira mu nzu ihinyanyura umuziki ari we nyene yitwayeyo niho guca akora indirimbo ya mbere yise “Doucement”. Iyo ndirimbo yarakiriwe neza n’abakunzi b’umuziki bimutera intege guca akora ikindi gikorwa kigira kabiri.
Yatanguye urugendo rw’umuziki atabona imbere ariko arashima kubona ko arivyo biriko bituma ahamagarwa n’abantu bakomeye bo mu gihugu no kumenyekana mu bindi bihugu. Ivyo kuririmba bikaba vyarigeze kumuha amahirwe yo guhamagarwa kuririmba muri America n’aho bitakunze ko ashikayo. Ivyo vyamweretse ko indirimbo ziwe zizwi kandi ko zimaze gusohoka igihugu. Arashimira abantu bamwandikira ubutumwa bamubwira ko indirimbo yakoze ari nziza n’aho hariho abamuca intege bamubwira ko ivyo kuririmba yobihagarika kuko uburyo yabishiramwo atigera ayagaruza. Vyose arabishima kuko intango yama igoye.
Vania ahamagarira abantu kuja ku rubuga rwiwe rwa youtube kugira ngo babadanye babona ibikorwa vyiwe n’ibindi biriko biraza.