EntertainmenthomepageKirundi

Vania Ice: “Ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi rirasinziriye”

Umuririmvyikazi Vania Ice aranegura ibikorwa vy’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, AMB kuko ngo ntabona ico rimariye abaririmvyi yihweje n’imyaka rimaze rivutse.

Vania agira ati: “Ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, AMB simbona ico rifasha abaririmvyi kuko hariho n’abafutiwe indirimbo zabo gushika ubu atakirakorwa. Ariko nsaba reta ko yoraba ukuntu yohindura ibintu kugira ngo abaririmvyi babone inyungu y’ishirahamwe”.

Nayo ku ndirimbo “uwambere“, yasohoye ari kumwe n’umuririmvyi Chris MB, avuga ko yamwiyumviriye kuko uyo muririmvyi azi kuririrmba zouk. Iyo ndirimbo yarakunzwe n’abantu atari bake, ivyo bikaba bibonekera muri “commentaires“ bayigizeko. Vania avuga ko iyo ndirimbo yayikoze atavyiteze kuko yari agiye kuramutsa umuntu mu nyuma bica bizamwo ivyo kuyandika.

Vania amenyesha ko yatanguye akora indirimbo z’abandi mu nyuma aca atangura kwandika nawe. Indirimbo yiwe ya mbere yayise “ ihela“. Gushika ubu, Vania  akwije imyaka itatu ari mu muziki. Arashima intambwe agezeko ubu bigatuma atarota aheba umuziki n’aho ahura n’intambamyi zitari nke. Ariko ivyo ngo nivyo bituma umuntu akura muri “carrière”.

Arafise indoto yo gukorana n’abaririmvyi bo mu bindi bihugu kugira ngo umuziki wo mu Burundi ushishikare kumenyekana cane. N’aho afise indirimbo imwe yakoranye n’umuririmvyi wo hanze, Vania avuga ko agikeneye gusohoka kuko nivyo bituma umuziki ndundi ugera kure.

Umuririmvyi Vania Ice avuga ko uyu mwaka afise indirimbo nyinshi atarakora zikaba ziri mu nzu ihinyanyura umuziki, abakunzi biwe ngo bitege ikindi gikorwa gishasha.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE