Abanyagihugu baba ahegereye akaburi k’ahitwa kwa Ruracinyika ku mutumba Mugomere zone ,komine, n’intara ya Rumonge baratewe impungenge nibomagurika ry’iryo tongo ry’abapfuye ryegereye imihana y’abantu.Muri kino gihe imva zikaba zibangamiwe ibintu ibintu bikunyuka iyo imvura iguye ari nyishi.Ababa hafi y’iryo tongo ry’abapfuye basaba ko ryokwimurwa.Abarongoye zone Rumonge,bavuga ko hari ikibnza kiriko kiraronderwa na komine cokwimurirwamwo iryo tongo ry’abapfuye.
Abanyagihugu baba kuri uwo mutumba Mugomere, bavuga ko ibintu vyunyuka mugihe c’imvura kuko imva zibomorwa n’isuri.Ibi bikaba biteye amakenga abaveyeyi bafise abana baba hafi y’izo ntatemwa ,G.T. agira ati:
“Imva usanga ziri hejuru,amasandugu canke impuzu abantu bahambwemwo ,n’amagufa ugasanga abana bariko bayatora bayakinisha canke bayaterana ivyo natwe bigaheza bikadutera ikibazo”, niko umwe mubakenyezi akaba n’umuvyeyi afise abana F.G. avuga ko bafise amakenga ko abo bana hari indwara bashobora kwandura
Kubera ko hari amazu y’abanyagihugu yegerye iryo tongo ry’abapfuye, abahaba bavuga ko amazi y’imvura ava muri ako kaburi agatuma haboneka isuri zibomora imva ziri muri iryo tongo. “Ayo mazi araheza akamanukana umuvuduko udasanzwe,akagenda afukura abafuye”,niko umwe mubagabo A.Y. yigana.
Abo banyagihugu basaba ko hogira igikozwe kugira bakingirwe.Bimwe muri ivyo basaba harimwo o iryo tongo ryokwimurwa.
Abajejwe intwaro ku rwego rwa zone aho mu Rumonge ,baremeza ko iryo tongo ry’abapfuye ryamaze kwuzura.Hamza Sinankwanabose arongoye iyo zone,avuga ko hari umugambi wa komine wo kurondera irindi tongo ryo gushinguramwo abitaba Imana muri ico gice ririko riraronderwa na komine. Uyo mutware ariko ntatomora neza ryari ico kindi kibanza kizobonekera.Sinankwanabose avuga ariko ko k’uruhande rw’abanyagihugu bo mw’idini rya Islam, bo mu kiringo c’amezi abiri, bazoba baronse aho gushingura ababo.
Mu Burundi,itongo ry’abapfuye riri mubibanza bisonerwa.Uretse kurisonera,hari n’abarifata nk’ikibanza gitinyitse,kuko hari abarifata nk’ikibanza cinyegejemwo imizimu.