BurundiEducationhomepageKirundi

Ibitabo birabura mu mashure ya Reta, muy’abigenga vyuzuye

Abashingamateka baranegura ibura ry’ibitabo mu mashure ya Reta, ibitabo bihingurwa n’ikigo c’igihugu RPP, ariko bikagurishwa kw’isoko kandi kizira. Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi aherutse kwemerera inama nshingamateka na nkenguzamateka ko ivyo bitabo bitegerezwa kuvanwa kw’isoko hakanahagarikwa bene kubicuruza.

Mu gihe umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi Nestor Ntahontuye yariko ashikiriza inama nshingamateka na nkenguzamateka mundwi iheze ivyaranguwe na Reta mugice ca kabiri c’umwaka wa 2025 ushira uwa 2026, umushingamateka Boussessia NKEZIMANA yavuze ko bitumvikana ingene ibitabo vya Reta vyobura mu mashure ya Reta ariko bikaboneka mu mashure y’abigenga kubera bigurishwa kandi bibujijwe.
« Mu mashure ya Reta usanga hariyo ibitabo bidakwiye aho usanga nk’abanyeshure batatu basangira igitabo kimwe », niko uwo asanzwe ari n’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka avuga.

Yongerako ko, mu mashure yigenga n’ubwo bafise intonde zabo z’ivyigwa, hiyongerako izo muri Reta gutyo abanyeshure bo muri ayo mashure y’abigenga bakoresha ibitabo vyo mu mashure ya Reta kandi bo bakabironka kuko babigura kw’isoko.
« Abanyeshure bose biga mu mashure y’abigenga, privées, usanga ivyo bitabo umwe wese afise iciwe. Ivyo bitabo biriko ikidodo kandi vyanditseko ko atari ivyo kugurisha ariko ugiye kw’isoko ugasanga abantu bariko barabigurisha », niko uwo mushingamateka avuga, ku bwiwe akibaza igituma bigurishwa kandi bibujijwe.

Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye agabisha abadandaza ivyo bitabo ko babwirizwa guhanwa hisunzwe amategeko kandi ko bibwirizwa kuvanwa kw’isoko: « Nibaza ko ivyo ari ukubikorerako kugira koko ivyo bitabo bidandazwa tugire amatohoza. Biriko ikidodo, ‘’cachet’’ ya RPP vyari ivyo mu mashure, bigaruka kw’isoko gute. Ivyo rero biroroshe gutora , ni ukuja kwisoko tugaca tubiyora vyose », niko umushikiranganji wa mbere yashikirije.

Yongerako ko amategeko abwirizwa guca akora nk’uko asanzwe ategekanijwe kugira ibintu bije ku murongo. Avuga ko ata kuntu ibitabo bibujijwe ko bigurishwa umuntu ashobora kubisanga kw’isoko.

Mu gihe umwaka w’ishure wa 2026-2027 waraye utanguye, imwe mu ngorane amwe mu mashure yatanguranye, ni ibitabo mfashanyigisho bidakwiye. Iyi ngorane iramaze imyake myishi.

Naho biri uko, ico kigo kikaba cugarijwe na zimwe mu ntambamyi z’ukubura ibikoresho vy’ubuhinga bigezweho kugira gishobore guhingura ibitabo bikenewe. Ivyo ndetse bikaba vyanatumye muri ruheshi uno mwaka, inama nshikiranganji yemerera ico kigo gukorana n’ishirahamwe ry’abigenga B and partners Sprl kugira rishobore kukironsa bimwe mu bikoresho.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE