Imiryango iba ahegereye ikimanga Nyenzari muri zone Gihosha commune Ntahangwa intara ya Bujumbura,ivuga ko itekewe n’ubwoba kubera ibihe vy’imvura nyishi vyimirije biherutse gutangazwa n’ikigo IGEBU. Muri ico gice imiryango itazwi igitigiri iramaze kwomorwa n’isenyuka ry’inkombe z’ico kimanga.
Ibihe vy’imvura vyimirije nivyo biteye ubwoba imiryango iba hafi y’ico kimanga , kibandanya cegera imihana y’abakiba hafi. Ubu amazu atazwi igitigiri aramaze guhitanwa n’ibomoka ryaco. Mu gihe imvura yimirije gutasura,bamwe muri abo banyagihugu bavuga ko batakigira ico bokora kugira ibimaze gushikira abomowe n’ico kimanga ntibize bibashikire. Gusa batekewe n’ubwoba.
« Twebwe twaratimvye. None twogira dute? Ko tutari bwimuke kuko tudafise iyo tuja ? Turarindiriye Imana yonyene niyo izotwicungira. None nk’iyo mvura ije irandura turafise ubwoba nyene. None hari uwobubura ?Ni urupfu nyene ruzoza ruhitana abantu », niko umwe mu banyagihugu aba hafi y’ico kimanga avuga.
Kugeza ubu, amazu ari hafi y’ico kimanga abandanya kugeramirwa n’ibomoka ry’inkombe zaco , nubwo hari ibikorwa vyo kuzikingira abo banyagihugu bari barakoze, hamwe kandi nivyo Reta yari yarigeze kwemerera ababa aho i Nyenzari.
« Murabona irya misuna nayiteye igihe inzu za mbere zari zitanguye kugenda », niko uwundi munyagihugu aba aho yigana.
« Reta yaraduhaye nk’ikamyo zitatu z’imisuna , yose twarayiteye ariko inzu zagumye zisenyuka . Abategetsi baraje nk’incuro zitatu , croix Rouge, ku mwaka uheze mbere baranavuze ko hategekanije amafaranga angana n’umuriyaridi n’igice yo kuhakora ariko vyayonze uko, ubu rero ubwoba ni bwinshi ntituzi ingene tuzobigenza nivyaramuka bishitse », niko abandanya avuga.
Igisabwa n’abo banyagihugu, ni uko bokwimurwa. Bino kandi banavuga ko bari barigeze kuvyemererwa na Reta.
“Ivyo bari barigeze kubitubwira ko bafata imetero 25 kuva kw’isoko hama abantu bakaraba aho babashira, bakabubakira hama Reta ikahitondera kugira ikingire abanyagihugu. Ivyo nivyo mbona Reta yofasha abanyagihugu, ariko n’icizere c’uko Reta idufasha caramaze guhera, tubona yuko umengo ntitubabaye” ,niko abo banyagihugu bavuga.
Ikigo c’igihugu kijejwe integekanyabihe IGEBU giherutse gutangaza ko kubera ikizwi nka El Ninho, igihe kirangwa n’ubushuhe bwinshi kigatuma imvura irwa ari nyishi , urugero rw’imvura izogwa mu Burundi mu gihe c’agatasi izoba ari nyishi uno mwaka.
Nta ngingo zidasanzwe Reta iratangaza kugira abanyagihugu birinde ingaruka zishobora guterwa n’urwo rugero rw’imvura ikigo IGEBU cavuze ko ruzoba rungana n’imvura yaguye muri 2023.

























