Umuryango utabara imbabare Croix-Rouge ufadikanije n’umugwi w’ishirahamwe DG ECHO hamwe n’abafatanyabikorwa b’umugambi ECHO HIP 2025, bahamagarira abanyagihugu kwijukira ibikorwa bijanye no kwikingira ibiza n’isibe muri kino gihe c’imvura.
Ni muri iyo ntumbero bagendeye kuwa kabiri, igenekerezo rya 17 Munyonyo 2026, ishami rya Busoni, mu ntara ya Butanyerera kugira ngo bakurikirane bongere basuzume aho ivyo bikorwa bigeze.
Urwo rugendo rwatangujwe no kugenzura umwe mu mirima ine isanzwe igwirizwamwo imivyaro y’ibiti. Iyo mirima yatoranijwe n’abajejwe intwaro bafadikanije n’abanyagihugu, inyuma y’ivyirwa vyakozwe vyerekana igihe abanyagihugu bashobora gushikirwa n’ivyago be n’uburyo bashobora kuvyikingira.
Muri urwo rugendo kandi, abagize iryo shirahamwe barifatanije n’abanyagihugu mu gikorwa co gutera ibiti birwanya inkukura mu murima wa Reta uri ku mutumba wa Gisenyi, urimwo ibiti vy’amavoka yatewe hakoreshejwe uburyo bwo kubiteranya n’ibindi biterwa, greffage mu rurimi rw’igifaransa.
Ivyo bikorwa bifise intumbero kandi yo gukingira isi isenyurwa n’amazi atemba ava ku misozi mu gutera ibiterwa birushiriza vyihanganira ingaruka z’ivyago vy’ivyaduka.
Urwo rugendo rwabandanije mu nama bagiranye n’abagize komite ijejwe gukinga ivyago vy’ivyaduka (CCRRC) iri ku mutumba wa Gisenyi. Iyo nama yarimwo kandi umukuru w’igisata kijejwe ibidukikije muri komine Busoni.
Muri iyo nama, abari bayitavye baraganiriye ku bikorwa iyo komite irangura mu gukinga ivyago vy’ivyaduka no gufasha abanyagihugu. Harashimikiwe kandi ku kamaro ko kumenyesha abanyagihugu ingorane zishobora kubashikira n’ingene boshobora kuzikingira.
Ibi bikorwa vyerekana akamaro ko gukorera hamwe kw’inzego z’intwaro, amashirahamwe afasha n’abanyagihugu mu gukingira ibidukikije, kugabanya ingaruka z’ivyago vy’ivyaduka no gukomeza ubushobozi bw’ikibano bwo guhangana na vyo.

























