Bamwe mu bakenguzamateka baratewe impungenge n’ubukene bw’imbuto zitandukanye bubandanya bwibonekeza . Umushikirangaji w’uburimyi ari umutumire mu nama Nkenguzamateka kuri uyu gatatu igenekerezo rya 30 Gitugutu 2024, abakenguzamateka basavye ko abigenga bohabwa uburenganzira bwogukora ubushakashatsi kugira basahirize ikigo c’igihugu ISABU . Umushikirangaji w’uburimyi aremeza ko hari aho bishika imbuto iyi canke iriya igakeha ,ariko agahumuriza ko abikorera utwabo bamaze kwugururirwa amarembo .
Umushikirangaji w’uburimyi n’ubworozi ari umutumire mu nama Nkenguzamateka kuri uyu wa gatatu,bimwe mu bibazo vyari ibijanye n’ubukene bw’imbuto .Aha umukenguzamateka François Ninteretse yabajije igituma iyo hageze irima hari zimwe mu mbuto usanga zidahabwa ikibanza kinini kandi abarundi batari bake baba bazikeneye.
Umukenguzamateka Cyriaque Nshimirimana wewe yashatse kumenya ikibuze kugira ikigo kijejwe gukora ubushakashatsi no kurwiza imbuto ISABU ngo gisahirizwe n’abakorera mu gisata c’abigenga .
Umushikirangaji muvyo ajejwe harimwo uburimyi Prosper Dodiko ntahakana ko hari aho bishika ubwoko ubu canke buriya bw’imbuto bugakena yamara agahumuriza, aho yerekana ko hari zimwe mu mbuto zakorewe mu Burundi zigiye guhabwa abarimyi ,mbere akanongerako ko hari n’abikorera utwabo bagiye kuja muri ico gisata kugira basabirize .
Imbere yuko irima ry’agatasi ry’umwaka wa 2024 ritangura,ikigo ISABU kikaba cari cidogewe n’ Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye,aho yashira uruhara ku kigo ISABU ,asigura ko ico kigo cari cahamagariwe gukora ivyigwa vyotuma abikorera utwabo bashira imitahe mu bushakashatsi no kugwiza imbito kuva mu mwaka wa 2021.