Ukwo umwaka utashe, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama rishira ahabona urutonde rw’abahagarikizi b’ibihugu bitandukanye baba bamerewe kuzohagarikira inkino mpuzamakungu. Mu Burundi hatowe 15 mu mupira w’amaguru hamwe na 2 mu nkino zo ku musenyi.
Muri abo bahagarikizi 15 b’umupira w’amaguru harimwo 6 bo hagati na 9 bo ku mpande. Muri bo, 9 ni abagabo nayo 6 ni abakenyezi.
Mu nkino zo ku musenyi, hatowe umugabo umwe n’umukenyezi umwe nyene.
Mu mupira w’amaguru, abahagarikizi bo hagati ni aba bakurikira:
1) Bigirimana Rodrigue yatanguye mu mwa wa 2023;
2) George Gatogato yatanguye mu mwaka wa 2015;
3) Iratunga Suavis yatanguye mu mwaka wa 2014;
4) Manirakiza Bertrand yatanguye muri 2023;
5) Ndabihawenimana Pacifique yatanguye muri 2023 hamwe na
6) Nsabimana Joselyne yatanguye muri 2023.
Abahagarikizi bo kumpande nabo ni aba bakurikira :
1) Bangurambona Fidès yatanguye muri 2016;
2) Bizumuremyi Rénovat yatanguye muri 2022;
3) Iradukunda Alida yatanguye muri 2016;
4) Kankunze Hervé yatanguye muri 2013;
5) Ndimunzigo Pascal yatanguye muri 2013;
6) Nduwayo Hervé yatanguye muri 2023;
7) Nibogora Olivier yatanguye muri 2023;
8) Niyokindi Anitha yatanguye muri 2024 hamwe na
9) Niyongabo Emery yatanguye muri 2019.
Mu nkino zo ku musenyi hatowe aba bakurikira:
1) Ishimwe Cynthia yatanguye muri 2022 hamwe na
2) Ndayisaba Ramadhan yatanguye muri 2022.