Umumenyereza w’Intamba mu rugamba Patrick Sangwa Mayani yashize ahabona abakinyi 26 azokwifashisha mu nkino zibiri zo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi c’umwaka wa 2026.
Uburundi bwimirije gukina n’igihugu ca Kenya igenekerezo rya 09 Gitugutu 2025 ku kibuga Intwari mu gihe igenekerezo rya 14 Gitugutu 2025 naho buzoca bwakirwa na Gabon mu gisagara ca Francville.
Kuri urwo rutonde haburamwo Fréderic Nsabiyumva kubera amakarata menshi y’umuhondo amaze kuronka, ariko urwo rutonde kandi rukaba rwagaragayemwo umusatirizi mushasha Romeo Mabanza asanzwe akina mu cicaro ca kabiri mu Bubirigi hamwe na Edson Munaba akinira umugwi Flambeau du Centre.
Uwundi mukinyi yagaragaye kuri urwo rutonde ni Gaël Bigirimana yari amaze igihe yanka kwitabira ubutumire bw’umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba.