homepageKirundiSociété

Abakukuruke barahumurizwa ku gahembo batararonswa

Abakukuruke babandanya bishuza agahembo kabo bemerewe n’umukuru w’igihugu, haraciye imyaka itanu. Kuri ivyo, umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca aratanga ihumure.

Imyaka itanu irarangiye umukuru w’igihugu yemereye abakukuruke kuzohora baronka agahembo kangana n’umushahara bahora bahembwa bakiri ku mirimo. Bamwe mu bakukuruke bamenyesha ko bamaze imyaka itanu barindiriye ko iyo ngingo y’umukuru w’igihugu ija mu ngiro.

Etienne Bashirahishize aserukira abakukuruke bo mu ntara ya Bururi avuga ko ikiringo kigiye kuba kirekire abakukuruke badahawe ako gashahara. Uwo aserukira iryo shirahamwe akavuga ko ubu abakukuruke babayeho m’ubuzima butoroshe bafatiye ku bbiciro vy’ivya nkenerwa vyaduze kw’isoko.

Kuri ivyo umushikiranganji wa mbere wa reta y’Uburundi Gervais Ndirakobuca mu kiganiro cahuje abagize urwego nshingwabikorwa rwa reta, abamenyeshamakuru n’abanyagihugu cabereye mu ntara ya Cibitoke kw’igenekerezo rya 13 ruheshi uyu mwaka yaratanze ihumure asiguye ko habaye uguteba bivuye ku kibazo c’ubuhinga bwa none, ariko ko hari ivyigwa biriko birakorwa mu kurundira ko amahera ashika mu kigega ca reta.

Ico kibazo kikaba caranagarutsweko mw’ijambo ry’umukuru w’igihugu yashikirije kw’igenekerezo rya i 1 rusama uwu mwaka, aho umukuruw’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije ko ikibazo c’abakukuruke kizogenda kirirwa ingero ku yindi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE