homepageKirundiPolitique

Abanyagihugu barenga umuriyoni barorereye ikiganiro c’abitoza kuba Perezida wa Uganda biciye ku buhinga bwa none

Abanyagihugu barenga umuriyoni bo muri Uganda barakurikiranye ikiganiro c’abitoza kuba Perezida biciye ku buhinga bwa none mw’ijoro ryo kuwa 30 Munyonyo 2025, nk’uko vyemejwe na NTV Uganda, ikimenyeshamakuru cari categuye ico kiganiro. Ivyo biharuro ntibirimwo abanyagihugu babandanya bakurikirana ku mboneshakure ya NTV hamwe na Spark TV canke abumviriza kuri radiyo ya KFM na Dembe FM.

Iki kiganiro cabereye mu nyubakwa ya Serena Hotel, mu gice ca Victoria Hall, cari citabiriwe n’abakandida batanu muri umunani bahiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu, mu gihe hasigaye imisi 46 gusa ngo habe amatora ategekanijwe ku wa 15 Nzero 2026.

Muri abo bakandida, harimwo Mugisha Muntu Oyera, yaje ubwa mbere, hamwe na Robert Kyagulanyi Ssentamu azwi cane nka Bobi Wine, umukuru w’umugambwe NUP. Abo bakandida bariko baratanga imigambi yabo bari hafi cane, batandukanyijwe n’intera itarenga imetero imwe.

Iki kiganiro caranzwe n’ugusuzuma ivyavugwa n’abakandida ikibiriraho (real-time fact-checking), bikaba vyari biyobowe n’abamenyeshamakuru ba NTV Uganda, ari bo Arnold Ssegawa na Priscilla Nalwoga Regina. Ibi vyatumye abanyagihugu babona ukuri ku vyavugwa, bigatuma ibiganiro biba vy’akarorero mu bijanye n’ukwiyamamaza.

Abakandida batumiwe, barashikirije imigambi yabo ku bijanye n’iterambere ry’igihugu, intwaro rusangi, uburenganzira bwa muntu, ubukene, n’ukwubahiriza amategeko. Bobi Wine yagarutse ku bibazo vy’urwaruka n’ukuntu igihugu gikeneye impinduka.

Mugisha Muntu we, yashimikiye ku bijanye no gushira imbere intwaro ibereye, kurwanya igiturire no guteza imbere ubutunzi bushingiye ku bumenyi. Hariho kandi n’ibindi biganiro bikomeye ku bijanye n’umutekano, uburimyi, uburezi, n’ukwubaka igihugu c’ahazaza.

Frank Bulira Kabinga wa Revolutionary Peoples Party, yashimangiye ko igihugu gikeneye ubumwe n’ukwiyunga kw’abanyagihugu, yavuze kandi ko aramutse atowe ko azoshira imbere uburezi n’ amagara y’abantu, akongera agashigikira abacuruzi bato no guteza imbere ubuhinga bwa none mu gihugu.

Nathan Nandala Mafabi wa FDC, yashize imbere ugusubiza ubutegetsi mu minwe y’abanyagihugu biciye mu matora yigenga, yavuze ko azaharanira ko ubutungane bwigenga, butagira aho buhegamiye, mu vyiyumviro vyiwe yashimikiye kandi ku guteza imbere uburimyi n’ubworozi.

Mu gihe Elton Joseph Mabirizi wa Conservative Party, yashize imbere imigambi yo gukura igihugu mu bukene biciye mu gushigikira ibikorwa vy’ubudandaji. Joseph yavuze ko igihugu gikeneye kwigenga mu vy’ubutunzi kugira nticame kizera inze, yiyemeje kwigisha abanyagihugu uburyo bwo gukoresha neza ubutunzi bafise.

Hagati aho ku mbuga ngurukanabumenyi nka X na Facebook, abantu benshi barashikirije ivyiyumviro vyabo, bamwe bashimagiza ukuntu ikiganiro cari ciyubashe, abandi bagaya ukutitabira kwa Perezida Museveni, mbere bamwe bakagirako bamuziza ko vyaturutse kugutinya abandi bakandida canecane Bobi Wine asanzwe ashigikiwe cane n’urwaruka, kebera ko ata migambi irashe afise yoshikiriza abenegihugu inyuma y’ imyaka 39 amaze k’ ubutegetsi.

Muri National Resistance Movement, umugambwe Perezida Yoweri Museveni aturukamwo bavuga ko ico kiganiro kitari ku rutonde rwemejwe n’umugwi wigenga ujejwe gutuganya amatora, ECU, bityo rero ko atari ngombwa kuvyitabira.

Ubuhinga bwa Real-time fact-checking bwashimwe cane n’abanyagihugu, kuko bwafashije kumenya ukuri kw’ivyo abakandida bavuze. Hari abashima ukuntu abakandida bagerageje kwerekana imigambi ifatika, ariko abandi bagaragaje impungenge ku migambi itagira uburyo bwo gushirwa mu ngiro.

Naho Perezida Museveni atitavye ico kiganiro, abanyagihugu benshi barerekanye ko bashishikajwe n’ukumenya imigambi y’abandi bakandida biciye ku mbuga ngurukanabumenyi. Ibi vyerekanye ukuntu ubuhinga bwa none buriko buragira uruhara runini mu biganiro vya poritike, cane cane mu gihe c’amatora.

Iki kiganiro cerekanye ko abanyagihugu ba Uganda bateye intambwe mu vyerekeye uburenganzira bwo kumenya no guhitamwo, mu gihe igihugu kiriko kiritegurira amatora yitezwe n’abantu benshi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE