Bamwe mu banyagihugu bo mu gacimbiri Gihora ku mutumba Tenga local komine ya mutimbuzi intara ya Bujumbura bavuga ko barajwe ishinga n’ikena ry’amazi meza.Abo banyagihugu bashikiriza ko bikora ku mazi y’inzuzi mu gihe bayakeneye canke bakaja kuyavoma ku yindi mitumba aho bidoga ko bagira urugendo rurerure .Basaba kuronswa amazi meza.Abajejwe bemeza ko bigeze kwizezwa ko bagiye kuronswa amazi ariko amaso akaba yaheze mu nzira.
Umwe mu banyagihu bo muri ico gice ca Tenga local avuga ko bakenye amazi ,abana kugira ngo baje kw’ishure bisigaye ari umuzi w’ibuye ivyo bigatuma baja gukoresha amazi y’inzuzi.Uyo munyagihugu arongera agashikiriza ko hari igihe amazi bayakura ku Muzinda canke ku Musenyi ivyo bigatuma urugendo ruba rurerure rugatwara nk’isaha yose.
Kubera ico kibazo c’ikena ry’amazi bacabikora kubatwara amakinga bakavuga ko ubu ikidumu kimwe gisigaye ari igihumbi canke amajana 700 aho ubawigiriye wenyene kuyavuma uwundi nawe avuga ko ikibido bakigura 3000 canke 2000 .
Abo banyagihugu basaba kuronswa amazi meza mugukinga indwara zivuye kw’isuku rike.
Uwurongoye agacimbiri Muhora Godefroid Ndihokubwayo avuga ko bemerewe mazi meza ariko bakaba n’ubu bakaba bakirindiriye.Kuri uyo mutumba Tenga local hakaba harangwa ibombo rimwe gusa.