KirundiSport

Abarundi bokwitega iki ku nkino zibiri intamba mu rugamba zizokina

Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba ugiye gukina inkino zibiri. Umuvugizi w’uwo mugwi amenyesha ko biteguye kuduga ikibanza ku rutonde ngaruka kwezi rw’ishirhamwe mpuzamakungu FIFA.

Bamwe mubagize umugwi nserukira gihugu Intamaba mu rugamba barafashe urugendo rubashikana mu gihugu ca côte d’ivoire kuri uyu w’Imana igenekerzo rya 10 Munyonyo berekeza mu gihugu ca Cote d’Ivoire aho kwi genekerezo rya 14 Munyonyo ahazoba urukino ruzohuza Uburundi n’igihugu ca Malawi ,nayo kwi genekerezo rya 16 Munyonyo bukine urukino rubuhuza n’igihugu ca Sénégal

Mu gihe Uburundi buheruka gutakaza amahigwe yo kuzokwitabira igikombe ca Africa CAN , rizoba  mu mwaka wa 2025 mu gihugu ca Maroc , haribonekeje impinduka nyishi mu mugwi nserukira gihugu , aho bahinduye abasanzwe bafasha uwo mugwi , kuva ku mumenyereza mukuru,

Umuvugizi w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba  Patrick Harakandi amenyesha ko naho Uburundi bwamaze kubura amahigwe yo kuzoshika mu gikombe ca Afrika cimirije,ko hamwe  Uburundi bwotsinda izi nkino zibiri vyotuma buduga ikibanza ku rutonde ngaruka kwezi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FiFA aho ku kwezi bagiye  mu  kibanza ca 139.

Patrick Harakandi araremesha abarundi ko yisunze ubumenyi umumenyereza mushasha w’intamba mu rugamba afise hamwe n’ishaka abakinyi bafise atakabuza izo nkino bazozitsinda

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE