Abo banyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa bo muri zone Buterere bidoga ko ata matongo yo kurima bafise. Ivyo bikaba bimaze imyaka myishi, kandi barigeze guhabwa umuhango wo kuyaronswa kugira babeho nk’abandi barundi.
“Twebwe twararindiriye, twaravyumva babivuga ku maradio, tukumva ngo hariho amatongo ateguwe y’abasangwabutaka, tukumva mu zindi ntara ngo bayabahaye, none twebwe ng’aha iwacu mu #Buterere nta musi n’umwe turumva natwe baduhaye amatongo”.
Uko kubura amatongo ku batwa b’aho mu Buterere gutuma imiryango y’aho ibaho mu bukene butagira izina nk’uko uno mutama w’imyaka yababa 70 abivuga: “Natwe turonke aho tuba hiyaguye, turonke n’aho turima tukaronka ibidufasha natwe”.
Abo basangwabutaka banegura ko inguvu zabo bazikoresha mu gukorera abandi aho kuzikoresha mu kurima mu matongo yabo, bino bigatuma imiryango yama yugarijwe n’inzara.
“N’abandi turagenda kubarimira mu matasha (tâches) kugira umwana arare ariye. Barayaduha barabe ko tutayarima“
Igisa n’ukwibagirwa kw’abarundi bo mu bwoko bw’abatwa mu bijanye no kuronswa amatongo ntigihakanwa n’umukuru w’igihugu c’uburundi. Hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka ku musi wa gatanu w’indwi iheze, Evariste Ndayishimiye yasubiye gutegeka ko abatwa boronswa amatongo nk’abandi barundi bose: “Abatwa dutegerezwa kubaha agateka kabo. Mw’ibwirizwa nshingiro biranditse neza ko umurundi wese ategerezwa kuronka aho aba. Hako abatwa bama ari ba barayerera nabo nibaronke aho baba, bubake, barime nk’uko bitegerezwa”.
Uretse kwemererwa amatongo, abatwa banahamagarirwa kwijukira iyindi migambi yo kwiteza imbere nk’ubworozi.