homepageKirundiSociété

Abatwa bo mu Buterere basaba kuronswa amatongo

Abo banyagihugu  bo mu bwoko bw’abatwa  bo  muri zone  Buterere bidoga ko ata matongo yo kurima bafise. Ivyo bikaba bimaze  imyaka  myishi,  kandi  barigeze guhabwa umuhango  wo  kuyaronswa  kugira  babeho  nk’abandi barundi.

Twebwe twararindiriye, twaravyumva babivuga ku maradio, tukumva ngo hariho amatongo ateguwe y’abasangwabutaka, tukumva mu zindi ntara ngo bayabahaye, none twebwe ng’aha iwacu mu #Buterere nta musi n’umwe turumva natwe baduhaye amatongo”.

Uko  kubura  amatongo ku batwa b’aho mu Buterere  gutuma  imiryango  y’aho ibaho    mu bukene  butagira  izina nk’uko  uno  mutama  w’imyaka yababa 70 abivuga: “Natwe turonke aho tuba hiyaguye, turonke n’aho turima tukaronka ibidufasha natwe”.

Abo basangwabutaka banegura  ko  inguvu  zabo  bazikoresha mu gukorera  abandi aho kuzikoresha   mu kurima  mu matongo yabo,  bino  bigatuma  imiryango yama yugarijwe n’inzara.
N’abandi turagenda kubarimira mu matasha (tâches) kugira umwana arare ariye. Barayaduha barabe ko tutayarima

Igisa n’ukwibagirwa kw’abarundi bo mu bwoko bw’abatwa mu bijanye no kuronswa amatongo ntigihakanwa n’umukuru  w’igihugu c’uburundi. Hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe  abasangwabutaka  ku musi wa gatanu w’indwi  iheze, Evariste Ndayishimiye yasubiye gutegeka  ko abatwa boronswa amatongo nk’abandi barundi  bose: “Abatwa dutegerezwa kubaha agateka kabo. Mw’ibwirizwa nshingiro biranditse neza ko umurundi wese ategerezwa kuronka aho aba. Hako abatwa bama ari ba barayerera nabo  nibaronke aho baba, bubake, barime nk’uko bitegerezwa”.

Uretse  kwemererwa amatongo, abatwa  banahamagarirwa kwijukira iyindi migambi yo kwiteza  imbere nk’ubworozi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE