Gutsinda umugwi Amasipiri ibitsindo bitatu kuri kimwe vyatumye umugwi wo mu ntara ya Makamba ufata ikibanza ca mbere mu rukino rwariko rurabera ku kigo c’ubuhinga kiri mu Ngagara CTN.
Umugwi Aigle noir wafashe ico kibanza bitumwe n’umugwi Bumamuru watakaje amanota abiri mu rukino wariko urakina na Vital’o, aho uwo mugwi wabujije Bumamuru gutahukana amanota atatu, urukino rurangira imigwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi.
Kundwi ya 22 ihiganwa rizobandanya kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma hamwe n’igenekerezo rya 1 na 2 Ntwarante 2025, Bumamuru uzoba uriko urakirwa n’umugwi académie Deira ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke ni mugihe Aigle noir uzokwakira umugwi Kayanza United ku kibuga NPPC kiri mu ntara ya Makamba.
Ku rutonde rw’imfatakibanza kundwi ya 21, Aigle noir uri mu kibanza ca mbere ukaba ufise amanota 46 uyanganya na Bumamuru ariko iyo migwi ikarushanya ibitsindo kuko Aigle noir uzigamye ibitsindo 35 mu gihe Bumamuru uzigamye ibitsindo 25. Mu kibanza ca gatatu hari umugwi Flambeau du centre ufise amanota 39 mu gihe mu kibanza ca kane hari umugwi Rukinzo n’amanota 38. Amasipiri uracari mu kibanza ca 16 arico ca nyuma n’amanota 6 mu nkino 21.