Aubin Lux ni umuririmvyi w’umurundi aheruka gusohora indirimbo na Big Fizzo bise ”ishwi”. Iyo ndirimbo avuga ko yakozwe umwanya munini kubera ko uburyo bwo kuyisohorera amasanamu bwabaye buke ariko mu nyuma vyaciye bikunda. Ikindi catumye iteba gusohoka ngo n’uko Big Fizzo yaciye afata urugendo aja hanze ariko muri uno mwanya iyo ndirimbo iramaze igihe ishiwze ku rubuga rwiwe rwa YouTube.
Mu kiganiro yahaye isamirizi indundi culture kuwa kane igenekerezo rya 13 ntwarante uyu mwaka nyene 2025 Aubin Nkuzimana azwi kw’izina rya Aubin lux ashikiriza ko yatanguye kuririmba mu mwaka wa 2017. Yavukiye mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo kuririmba yaje kubitangura mu nyuma ariko we yibonako ari umwanditsi mwiza mu nyuma aca yinjira mu muziki.
Lux ashikiriza ko yiyumviriye Mugani Désiré kubera ko yari indoto yiwe yo gukorana igikorwa nawe kuko amubona nk’umuvyeyi wiwe. N’aho vyatevye kubera uburyo hariho ibintu bimwe bimwe yagiye aramufasha. Aha avuga nk’igihe yamwitura amumenyesha ko uburyo bwabonetse atatevye kuza kugira ngo bakorane. Hambavu aho, muri iyo ndirimbo ngo harimwo n’igice Fizzo yanditse bituma ica iryoha cane.
Avunira akagohe abandi baririmvyi ko mu gihe uba wipfuza ko igikorwa cawe gisa neza wokwiyumvira abagukurira mu muziki. Ikindi ngo ni ukwandika indirimbo zihanura kandi zirimwo urupfasoni. Asaba ababishoboye hamwe n’aba diaspora kugira ico bakoze kugira ngo nawe abandanye akora nk’abandi kuko muri kino gihe amasanamu asigaye azimvye.
Nkuzimana Aubin avuga ko agiye gusohora iyindi ndirimbo nshasha kandi ko muri uno mwaka yiyemeje gukora cane kuko mu mwaka uheze wa 2024 bitamworoheye gukora uko yavyipfuza.