Bamwe mu bashingamateka bararajwe ishinga n’agahembo umukuru w’igihugu yemereye abakukuruke mu mwaka wa 2020 gushika nubu kataraboneka. Umwe ati:” umutama canke umutamakazi bokwitaba Imana badatunganirijwe woba umuvumo ku gihugu.
Mu gihe umushikirnganji was mbere yari umutumire mu nama nshingamateka ashikiriza ibikorwa bimaze gukorwa my mwaka was 2024-2025, umushingamateka Aline inamuco yashikirije ko agahembo abahumure bemerewe n’ Umukuru w’igihugu akaba yari yarashizeho n’ikiringo ntarengwa co gutunganiriza abo bakukuruke ariko gushika ubu agahembo babwiwe ko kazoba kangana nako bahora baronka bakiri ku mirimo kuva mu mwaka wa 2020 ariko gushika nubu amaso akaba yaheze mu nzira , akagira ati hamwe abo batama n’abatamakazi bokwitaba IMANA mutabatunganirije woba ari umuvumo ku gihugu.
umushingamateka Pamphile malayika we akagira ati ahubwo vyari bikwiye ko reta ibisabira imbabazi kubona abakukuruke bataratunganirizwa kandi n’ikiringo cokubatunganiriza cari catanzwe bibaye ngombwa abatakoze ico bajejwe bagatanga imihoho
Gervais Ndirakubuca yoga ku nyishu yatanzwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu mu kiganiro c’abavugizi b’inzego yashikirijeko ico kibazo Kiri mu biro vy’umukuru w’igihugu hasigaye kumenyekana amahera azotangwa na reta yongereza kuyarasanzwe ari mu mashirahamwe nka INSS na ONPR.
Mw’ijambo Umukuru w’igihugu Evariste ndayishimiye yashikirije arahira mu mwaka wa 2020 akaba ariho yatangaza ko abakozi ba reta bagiye mukaruhuko k’izabukuru bazoronswa agashahara ku kwezi kangana n’umushahara wabo bahora baronka bakiri ku mirimo.