Imvura ivanze n’igihuhusi yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 Munyonyo 2025, yasize amazi ajererenga mu makaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura. Amakaritiye ari muyakozweko n’iyo mvura, ni nka Muhuza na Kiyange yompi ya zone Buterere komine Ntahangwa intara ya Bujumbura. Nk’uko twavyiboneye amwe mu mazu yaragurutse abari bayabamwo nabo bakaba batagira aho bakika umusaya, nk’uko bano babivuga
“Twaraye duhagaze nta n’umwe yaronse aho aryama abantu bose twaraye hanze hari ivyatwawe impuzu zarononekaye ibikoresho vyo munzu vyaramenetse, ama télévision ama matelas,… turi mu kangaratete.”
Uwu mundadaza we avugako iyo mvura yatumye akazu kidandarizo yakoreramwo kaguruka ivyo yadandaza birononekara.
“Ivyononekaye harimwo ifu umunyu,…ni uruhombo ku miryango yacu nk’ifu imifuko ni 10 n’umunyu urakwira imifuko 10.”
Abo banyagihugu bavuga ko ubu bari mu kangaratete bagasaba ko abagiraneza bobaserukako mu maguru masha.
“Dusaba ko abagiraneza boduserukako bakaduha ibisakazo tukaronka aho tuba tukaronka n’amakaye abana bajana kw’ishure.”
Uwurongoye zone buterere Hakizimana Moussa aremeza ayo makuru ariko kandi agasaba uwo wese cane cane amashirahamwe atandukanye gufasha abakozweko n’iyo mvura. Asaba kandi ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kwihutira gupompa ahagiteze amazi kugira ntihaduke indwara ziturutse kw’isuku rike.
“Akamo dutera amashirahamwe cane cane croix rouge nk’uko ryama rifasha iyo habaye ibiza n’isibe n’abagira neza hamwe n’abandi bose babishoboye bofasha abanyagihugu. Bishobotse kandi ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bodufasha gupompa ahari amazi mabi kuko imicafu ica yiyegeranya. Zone Buterere iri mu mazone akunda kubangamirwa na choléra twama duhimiriza ngo abanyagihugu bitwararike isuku.”
Gushika ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, ico gice ca zone Buterere co kimwe n’amwe mu makaritiye ayegereye ya zone Kinama akaba atagira umuyagankuba bitumwe n’uko ibiti bitwara intsinga z’amatara vyahenuwe n’umuyaga wari muriyo mvura.

























