Aho ni mu bibanza bisanzwe bikoreramwo abakora umwuga wo guteranya ivyuma. Uhashitse wakirwa n’urwamo rw’ivyuma aba n’abandi bariko barasudira. Abo bakora uwo mwuga bavuga ko bafise impungenge ku magara yabo bitewe na bimwe mu biva mu vyuma basudira.
Uwu ati: “umwotsi ufumba iyo turiko turasudira uronona amaso”.
Uwo musore w’imyaka 25 avuga ko amaze muri ako kazi imyaka 3. Yerekana ko n’iyo bariko barasudira amasase ava ku vyuma abaturira ku rukoba rw’umubiri.
“Udusase tuva kuri ivyo vyuma natwo nyene turonona umubiri urabona ingene dukomereka”
Kugira rero bashobore guhangana n’izo ntambamyi zibashikira muri uwo mwuga bavuga ko hari abahitamwo kugura ibibafasha kubakingira aha bakavuga nk’amarori n’ibindi.
“Turagerageza uko dushoboye mu kwambara amarori canke amakasike kuko ivyo gusudira ivyuma bibabaza amatwi ndetse n’amaso”.
N’aho biri uko abo basudira bavuga ko batarota baheba ako kazi kuko kabatungiye imiryango ariko gusaba ko abakoresha babo nabo bobaronsa ibikoresho vyokingira amagara yabo.
“Kano kazi naho kagoye niko kadutungiye imiryango ,dusaba abakoresha bacu ko boturonsa ibikoresho vyokingira umubiri nk’amarori n’amaga yo kwambara mu ntoke“.
Uwo mwuga wo gusudira abawukora badafise ibikingira uruhu rw’umubiri wabo hari abataha bafise ibikomere biturutse k’umucanwa ubatarukirako bariko barasudira abandi imyotsi iva mu vyo basudira igatuma badahema neza.