Inyuma yo gukina inkino zibiri z’umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba mu bigeme batarenza imyaka 20 akazitakaza zose imbere y’umugwi nserukira gihugu wa Zambiya, aho urukino rwa mbere yatsinzwe n’ico gihugu ibitsindo 2 kuri 1 mu gihe urwa kabiri yatsinzwe ibitsindo 2 k’ubusa.
Uwo mwigeme kandi yahora amenyereza umugwi Ubuntu Women’s w’abigeme wahora mu cicaro ca kabiri, ubu waronse uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa rya Lumitel women’s Ligue, yamaze kwerekeza mu gihugu ca Uganda aho agiye kumenyereza umugwi w’abigeme She Corporate FC ukina mu cicaro ca mbere.
Belyse Nininahazwe ntiyamenyereje uwo mugwi kuko asanzwe ari n’umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abigeme batarenza imyaka 20. Yaramenyereje kandi umugwi w’abigeme La Colombe ukina mu cicaro ca mbere muri Lumitel women’s Ligue.
Nininahazwe asanzwe afise urupapuro rwo kumenyereza Licence B. Yaramenyereje kandi umugwi As Inter star ukina mu cicaro ca mbere mu bahungu mw’ihiganwa rya Primus ligue Burundi.