EntertainmentKirundi

Big Fizzo agiye Kubica bicike mu gihugu ca Canada

Umuririmvyi Big Fizzo ari mu rugendo rw’akazi mu gihugu ca Canada aho yiteguriye guteramisha abarundi n’abandi basanzwe baba  muri ico gihugu .Uyo muririmvyi yaramaze imisi mu gihugu c’Ubutaliyano akaba kandi aheruka gusohora izindi ndirimbo ziwe zibiri.Uyo muririmvyi aranagira nico avuze kukutumvikana hagati ya Dj Paulin na Dauble Jay.

Uyo muririvyi  w’umurundi Mugani Désire azwi kw’izina rya Big Fizzo aho yaramaze imisi  itari mike ari  mu gihungu c’Ubutaliyano ashikiriza ko afise ibiteramo bitari bike azokora  mu bihungu bitandukanye iburaya hamwe no ku mugabane wa amerika ya ruguru mu gihugu ca Canada mu gisagara ca Edmonton.

Big Fizzo asanzwe ariwe nyene inzu ihinyanyura umuziki  (Bantu Boy) akaba anaheruka no gusohora indirimbo zibiri , imwe ikaba yitwa  Maria iyindi nayo Umo ndani . Mugani Désire amenyesha ko iyo  ndirimbo ya Maria ari nayo  yazanye ibindi  biteramo .Fizzo asigura ko kugirango umuntu aronke abatamvyi (Danceurs)  arinda guca mumashirahamwe yabo akavuga ko kuba umuririvyi arakazi gashobora kukubeshaho umuntu ukuri kwamye .

Mugani Désire ashikiriza ko ukutumvikana kuri  hagati ya Dj Paulin  na Double Jay kwari bo bonyene   bazi ivyo bapfa ,agahanura  ko boreka gutanako amajambo nyimba hari icandiko baheze bagishire ahabona  hama ivya majambo bihere .

Uyo muririmvyi amenyesha ko abaririvyi bakwiye kugira urupfasoni  (discipline) kuko umuririmvyi aba ari umuntu afise ibihumbi vy’abantu bamukurikirana.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE