EntertainmenthomepageKirundiSport

Bimenyimana Bonfils Caleb yaraye aronse umigwi wo muri Arabie Saoudite

Inyuma yo gutandukana na USM Alger umugwi wo mu gihugu ca Algérie, Bimenyimana Bonfils Caleb yaraye atangajwe nk’umukinyi mushasha mu mugwi Jeddah Sport FC wo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Arabie Saoudite.

Bimenyimana Bon fils Caleb akaba yarakiniye imigwi itari mike yo k’umugabane wa Afrika harimwo n’igihugu c’Uburundi.

Mu mwaka wa 2016 uwo musore w’imyaka 27 yari mu mugwi Vital’o. Muri uwo mugwi ntiyahamaze ikiringo kinini kuko umugwi Rayon sports wo mu gihugu c’Urwanda waciye umusimbana mu mwaka wa 2017. Mu mwaka wa 2018 yaciye yimukira mu mugwi RFS wo mu gihugu ca Lettonie.

Ni umwe mu bakinyi b’umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba bamaze gukinira imigwi myinshi, akaba kandi yarakiniye umugwi wo muri Afrika y’epfo Kaizer Chiefs ukina mu cicaro ca mbere.

Bimenyimana Bonfils Caleb akaba yavutse mu mwaka 1997 mu kwezi kwa Munyonyo igenekerezo rya 21 akaba apima imetero imwe na santimetero 90 (1.90m). Bonfils Caleb yari yatandukanye na USM Alger igenekerezo rya 6 Myandagaro 2025.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE